Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OAG : Amafaranga akoreshwa mu gisata c’uburimyi aracari make - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > OAG : Amafaranga akoreshwa mu gisata c’uburimyi aracari make

OAG : Amafaranga akoreshwa mu gisata c’uburimyi aracari make

vendredi 21 Ruheshi 2013

Ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) ryaratunganije kuri uno musi wa gatanu ibikorwa vy’umusi wo guhanahana ivyiyumviro ku shirwa mu ngiro y’integuro y’amafaranga ahabwa igisata c’uburimyi mu Burundi hisunzwe amasezerano ya Maputo.

Mu gihe ibice birenga 90 kw’ijana vy’abarundi batunzwe n’uburimyi, abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika barakoraniye i Maputo mu mwaka w’2003, bemeranya ko ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga yinjira mu gihugu yokoreshwa mu gisata c’uburimyi mu kiringo c’imyaka itanu, bagateza imbere ico gisata shingiro y’iterambere.

Mu cigwa catanzwe n’umuhinga Nahimana Pierre Claver abisabwe na OAG, naho muri rusangi amafaranga ahabwa igisata c’uburimyi yongerekanye, amasezerano ya Maputo ntiyubahirizwa kuko ivyo bice cumi kw’ijana vy’amafaranga yinjira mu kigega c’igihugu bitarashikwako. Ingaruka rero ntizibura kuko abanyagihugu baca baterwa na kigoyi kuko umwimbu utaba wiyongereye, abantu nabo bakaba badasiba kurwirirana. Nk’uko icirwa cakazwe na FAO cavyerekanye, abanyagihugu baharurwa ku bice 40 kw’ijana nibo bafungura nabi kandi ku mwaka ku mwaka bigatera vyunyuka.

JPEG - 58.7 ko
Umuhinga Nahimana Pierre Claver yatanze icigwa

Umuhinga Nahimana Pierre Claver, mu cirwa yakoze akaba asaba Leta kwubahiriza ayo masezerano kandi ko ibisata nyamukuru vy’uburimyi vyohabwa amafaranga akwiye, nk’ugukwiragiza imbuto, ifumbire, kuvomera, n’ugutanga inyigisho ku mashirahamwe y’abarimyi.

Amashirahamwe y’abarimyi yosubira kandi agasaba ko imigambi yo mu gisata c’uburimyi yoza irigwa umwanya utararengerana, amasoko nayo agatangwa ku mwanya kandi ku mugaragaro kuko vyamaze kugaragara ko kenshi hari amafaranga yo mu bushikiranganji bw’uburimyi ahora asubira inyuma kubera imigambi yayo iba yatevye, umwanya wo kwiga integuro y’amafaranga akora ku wundi mwaka ukagera batarayakoresha, ayo mafaranga agasubira mu kigega ca Leta kandi yofashije abarundi batari bake.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.