IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OAG - PARCEM: Abafasha Uburundi basaba kwubahiriza intwaro ibereye mu (...)

OAG - PARCEM: Abafasha Uburundi basaba kwubahiriza intwaro ibereye mu gihugu

vendredi 24 Rusama 2013

Ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) n’ishirahamwe PARCEM batunganije ikiganiro co kurabira hamwe ivyavuye mu nama y’abafasha Uburundi, yabereye i Geneve mu gihugu c’Ubuswisse ku genekerezo rya 29 n’irya 30 Gitugutu 2012, hagati y’abafasha Uburundi, abaserukira Leta n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Uwurongoye ishirahamwe PARCEM ari nawe yaremesheje ikiganiro, Faustin Ndikumana yamenyesheje ko naho abafasha Uburundi bemeye imfashanyo zitari nke, impinga iracari ndende kuko igihugu gisabwa gushitsa ivyo kiba casabwe.

Muri iyo nama yabereye i Geneve, abafasha Uburundi basavye gukomeza umugambi wo kurwanya abarya igiturire n’abanyonyeza itunga ry’igihugu, uguhana ivyaha, kurwiza ibiganiro hagati y’abanyepolitike mu ntumbero yo gutegura amatora, gushiraho ubutungane bw’inyuma y’intambara hamwe n’ugutsimbataza umubano mwiza hagati ya Leta n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Faustin Ndikumana yashikirije ko abarundi bategerezwa kumenya ko imfashanyo zemewe zitangwa ari uko imigambi Uburundi buba bwiyemeje ishitsweko. Uko umwaka utashe, mu kwezi kwa Rusama, harategurwa inama yo kuraba intambwe igihugu kiba kigezeko mu kurwanya igiturire, iyo nama ikaba ubu iriko irategurwa, imwe muzo abafasha Uburundi bakorerako.

Umukuru wa PARCEM agasaba Leta gutegura imigambi irashe kandi itomoye ishikirizwa abafasha Uburundi hamwe n’ugutanga amasoko hubahirijwe amategeko kandi biciye ku mugaragaro.

Kubwa Faustin Ndikumana, mu gihe inama y’abafasha igihugu iba isanzwe izwi, abategetsi bakwiye kuba bayijamwo bamaze gushobora kwerekana integuro y’imigambi bokora mu mfashanyo bahawe, gutyo abafasha Uburundi bakibonera ko amahera bazotanga atazofata iyindi nzira ihushanye n’iterambere ry’abanyagihugu n’igihugu muri rusangi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.