Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OAG : Umushikiranganji w’amagara y’abantu siwe yari kwishura ku bibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OAG : Umushikiranganji w’amagara y’abantu siwe yari kwishura ku bibazo (...)

OAG : Umushikiranganji w’amagara y’abantu siwe yari kwishura ku bibazo bijanye n’amakori

vendredi 2 Myandagaro 2013

Inyuma y’aho umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, muganga Sabina Ntakarutimana atangiye insiguro imbere y’inama nkenguzamateka y’Uburundi ku vyerekeye integuro y’itegeko rigenga amakori, ishirahamwe ryishinze gukurikiranira hafi ibikorwa vya leta OAG rirabinegura.

Godefroid Manirakiza, umuvugizi wa OAG avuga ko umushikiranganji w’amagara y’abantu atariwe yari akwiye kuja gutanga insiguro imbere y’inama nkenguzamateka ku vyerekeye iryo tegeko rigenga amakori. Uburyo amakori atangwa n’ibibazo vyerekeye ubuhinga (questions techniques), ari naco gituma hari kugenda uwubijejwe w’ikigega ca Leta.

Godefroid Manirakiza asaba abakenguzamateka gukora neza ivyo bajejwe, cane cane gukurikiranira hafi ibikorwa vya Leta. ’’Abashingamateka ntibari bakwiye kubaza ibibazo vy’amakori umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida. Godefroid Manirakiza ahamagarira inama nshingamateka na nkenguzamateka gukurikirana no gukora neza ivyo bajejwe.

Muri Leta y’Uburundi, babicishije kuri Filipo Nzobonariba, umuvugizi wayo, bamenyesha ko ari ibisanzwe ko umwe mu bashikiranganji bagize Leta y’Uburundi aja gusigura iryo tegeko kuko ryari ryaciye mu nama nshikiranganji rikongera rigatorwa na bose. Kubwa Filipo Nzobonariba, nta gitangaje umwe mu bashikiranganji agiye kurisigura.

Filipo Nzobonariba, umuvugizi wa Leta y’Uburundi akaba yamenyesheje ko umushikiranganji w’ikigega ca Leta yari yafatiriwe kuko yari mu rugendo rw’akazi i Washington.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.