Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR : Imiriyaridi 63,5 z’amarundi nizo zatojwe muri Kigarama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR : Imiriyaridi 63,5 z’amarundi nizo zatojwe muri Kigarama (...)

OBR : Imiriyaridi 63,5 z’amarundi nizo zatojwe muri Kigarama 2014

mercredi 7 Nzero 2015

Amafaranga agera ku gice 1,1 kw’ijana niyo abura ku yari yategekanijwe gutozwa n’ikigo OBR mu kwezi kurangiye kwa Kigarama kurangiye.

Imiriyaridi 63,5 z’amafaranga y’amarundi nizo zatojwe n’ikigo OBR mu kwezi kurangiye kwa Kigarama nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ico kigo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2015. Ku yo bari bategekanije gutoza muri uko kwezi haburako umiriyaridi 0,7 w’amarundi, ni kuvuga ko haburako igice 1,1 kw’ijana.

Muri uno mwaka urangiye w’2014 ico kigo kikaba cerekana ko batoje amafaranga agera ku miriyaridi 653,8 y’amarundi. Ibiharuro kandi vyerekana ko ayo batoje muri uwo mwaka arenga ayo bari bategekanije kuzotoza muri ico kiringo imiriyaridi 4,5 z’amarundi ni kuvuga ibice 0,7 kw’ijana.

Umuntu agereranije ayatojwe mu mwaka w’2013,imiriyaridi 559,5 kw’ijana vy’amarundi, ku mwaka ku mwaka hongerako imiriyaridi 92,2 z’amarundi, ni kuvuga ibice 16,8 kw’ijana.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega OBR yinjije amahera nkayo, iribuka kuraba abahumvye uko bangana? irasubira ikaraba ko mumwaka ukurikira ayo izokwinjiza? Mbega ayo mahera binjiza ajahe? Nimba arayakora iterambere, rizoshikirwa na bande? ko mbona abene gihugu bashonje Kubera ibiribwa bizimvye Kubera iyo OBR. nyabuna nimwibuke ko uyo mudandaza mumwatse menshi wewe aca aduza ivyo yazanye kugira yirihe, uko bigenda kwose hapfa umwine gihugu, abadandaza ntaco bahomba. muraraba ntimube nka ca gikoko kibuze ico kirya gica kirya abana baco.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.