Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR :’’Ingingo yafashwe na komiseri mukuru ntiyigeze yanka kwumvirwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR :’’Ingingo yafashwe na komiseri mukuru ntiyigeze yanka kwumvirwa (...)

OBR :’’Ingingo yafashwe na komiseri mukuru ntiyigeze yanka kwumvirwa ‘’

vendredi 22 Munyonyo 2013

Holmes Kieran arongoye ikigo OBR (office burundais des recettes) ahejeje gusohora itangazo aho atanga umuco, avuga ko itegeko yari yatanze ry’uko ba badandaza bafatirwa ibintu vyabo kw’isoko kwa siyoni boriha mu mice amatagisi nk’uko babisavye ko ritigeze ryankwa gushirwa mu ngiro n’abo arongoye.

Bivanye n’ibimaze imisi bivugwa hirya no hino ku vyerekeye abadandaza b’ibitenge kwa siyoni, umukomiseri w’ikigo OBR (Office burundais des recettes) kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 munyonyo 2013 ahejeje gusohora itangazo aho atanga umuco, yongera amenyesha aho ico kibazo kigeze. Holmes Kieran amenyesha ko itegeko yari yatanze ryo kurihisha amatagisi mu mice ababishoboye nabo bakariha yose icarimwe nk’uko bari bavyemeranije na sendika ihurikiyemwo abadandaza SYGECO ko yakurikijwe n’abakozi ba OBR. Ku badandaza 112 bateye ko igikumu ku cegeranyo c’ivyo bagirizwa (Proces verbal d’infraction ) 46 baramaze kuriha amatagisi yose basabwa n’ikigo OBR abasigaye nabo bakaba barindiriwe.

Komiseri mukuru w’ikigo OBR akaba yarangije ahamagarira abo badandaza kuja gutunganya mu kuriha amatagisi basabwa n’amategeko ni ukuvuga ibice 60 kw’ijana icarimwe abatabishoboye n’abo mu mice 35 kw’ijana ubwa mbere na 25 mu nyuma mu mice ibiri, bahamagariwe kuja gutera igikumu ku cegeranyo c’ivyo bagirizwa kandi umwe wese ku gatwe kiwe.

Mwomenya ko iryo tangazo risohotse inyuma y’indwi imwe gusa sendika y’abadandaza SYGECO isohoye itangazo aho yavuga ko komiseri ajejwe amatohoza yagararije amategeko y’abamukurira mu kwanka gutanga ibidandazwa vy’abo bakenyezi inyuma yo kuriha mu mice amakori nk’uko bari bavyemeranije na komiseri mukuru.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.