IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OIF yiyamirije ubwicanyi bukorwa ku ndongozi muri poritike na (...)

OIF yiyamirije ubwicanyi bukorwa ku ndongozi muri poritike na gisirikare

mardi 26 Ndamukiza 2016, par egide

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa, Michaëlle Jean, yateye ivyatsi igitero cahitanye ubuzima bwa Général Athanase Kararuza yahora ari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hamwe n’umupfasoni wiwe kuri uwu wa mbere.

Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yateye ivyatsi kandi igandagurwa rya Colonel Emmanuel Buzubona kuwa 20 Ndamukiza 2016, iyicwa rya Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure kuwa 22 Ntwarante 2016mars 2016, hamwe n’ibitero vyakozwe kuri uwu w’Imana hagakomereka Martin NIVYABANDI umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, hamwe na Colonel Donatien Ndabigeze akora mw’igendereza, umupfasoni wiwe akaba yaciye yitaba Imana muri ico gitero.

Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa amenyesha ko kubona ubwicanyi bubandanya kwiyongera, bugakorwa ku ndongozi muri poritike na gisirikare, ari ikimenyetso c’itituka ry’umutekano mu Burundi, akavuga ko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose kugira ubwo bubisha buhagarare.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa avuga ko bikenewe ko ingingo zose zishoboka zofatwa vyihutirwa kugira harungikwe mu Burundi abaporisi ba ONU.

Michaëlle Jean arashima ingingo yafashwe kuri uwu wa mbere na Fatou Bensouda, umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ingingo y’ugutanguza amatohoza ku bwicanyi bubera mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa amenyesha ko atera intege umuhuza Benjamin William Mkapa mu biganiro bihuza Abarundi agiye gutanguza i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.


IGIHE

Messages

  • Ryayomafaranga Ureke Kwanguha Ngurababajwe Kubabajwe Ukoziki?Abazung Murinjavyi Muraducang Nkinkarata.Hababaye Twebw Abarund Turimuruhagarar Rw’umutekano Muke Tuguma Tubura Abacu N’ivyacu.Mwebw Munezerwa Duhunze Mugasevy Ubutako Bwanyu Mukuzana Amafu Yaboreye Muri Stock Ngo Nurukundo Rwinshi.

  • Turohojeje imiryango yamyakwigendera Ge’ne’ral Athanase, bihangane nikovyamabiri, iyo tumaze kurongorwa nabarongozi babi, ntamahoro tuzigera turonka.Abobose bariko baragandagurwa baharurwa kugatwe ka Nkurunziza, azoruhuka aruko incabwenge zose azihejeje kabisa, rwaronkuburyo bwogutwara atawumugora, azokirage abuzukuru biwe.none ntariko arabaherengeteza bitwa ngo batemberana inkoho ? ahubwo nibara ryokumutemere, yaramaze kubahuha wamuti wiwe yavana murinijeriya. baravyiteguriye cane uburyo bashobora kumugandagura, uravye unomusi uburyo bavyifashemwo bahegejeje kumugandagura, biragaragara yuko igandagurwa ryiwe abategetsi bamwebamwe bari basazwe babizi cane.

  • Nukuri Imana Itatugarukiye Uburundi Bwabaye Somalie!!

  • Subwambere batumako ibiganiro nkivyo ninkuguta umwana inzobwa urabona kozikeneye amahoro kubarundi kwica babigize umwuga je numvise ibiganiro nababara cane nkabura uko mbigeza reka duhone nabado.

  • Ahomwagatereye ivyatsi nikera mugabo ntaco bibuza nkurunziza nakarwi kiwe kubandanya bagandagura abanyagihugu icabarundi tunyotewe samajambo ahubwo nibikorwa vyo tuma ububwicanyi buhagarara mumaguru masha ivyonavyo ntabindi uretse kurungika inteko mvamakungu mumaguru masha ziza gufasha guhagarika ububwicanyi bwabaye ndase nogutamuriyompi abariko barabukora ntakindi naho uvyamajambo abarundi twarabihaze uwabuze icadufasha namajambo arashaka yinumire

  • Mbegabashaaa ! Ahabarundi AhoBagapfiriye Ko Ataribwo Aterwe Ivyovyatsi , Muti Iburundi Ni Uwambere Umenye Ko Yishwe , Kuva Muma68 , Wahorahe , Uvutse Le25/4/2016 ? Ariko Abapfuye Imana Ibakire

  • @Tari , Nene na Edi ,

    Uyu muryango canke ishirahamwe ryabavuga igifaransa , ntakindi bakora kandi buliya nicyo bahemberwa ama cash yabo yinjiye kuko barabishira muli report !!!
    itagize umumaro.

    Dore ndababalire : nabarundi balimo kwica abarundi , mugirango abanyamahanga bakore iki cg abazungu !!! harya ngo turashaka ingabo mpuzamakungu ????? none se NONE BALIYA BASILIKALI BADASHOBORA KWIKINGIRA BO BAZOKINGIRA ABATURAGE BATE ???

    Snared nirekere aho kuko iramalisha abarundi , cyokora bareke kurasa abalikumwe nimiryango yabo , barwane nabasoda aliko ama famille bayareke gose !!!

    Nkurunziza we nabajanama be , na barongoye urunani SNARED , NYANGOMA , MINANI , RADJAB , NIYOMBARE , MINA , SINDUHIJE NABANDI mwe muzaja mugihome kuko muramalishije abarundi

  • Abo bantu bica abandi si leta y,uburundi no ,they are outsiders who want to divide people.so there we have to be carefully because they are using system of al shabab.

  • None Mwibazako Bivakuki?Ntibiva Kurububutegetsi Butagira Shinge Narugero Rekabasha Kuba Mutuvyurira Ishavu Nayobakore Imiryango Yacu Niba Badasangiye Umugambwe Washaka Bigende Gute Umuryango Wabuze Nugire Ukwihangana Ntakundi Nukobigenda

  • Ha Kwiri Kijwe, Amategeko! Ntakibuza, Ibi ganiro Bizo Genda Neza!

  • Uwo Michael le Jean arahengamye, ingorane z’uburundi zituruka ku bihugu vy’ibihangange vyo mu burengero bw’isi n’urwanda vyose bifashe mu mumugongo aba puchistes nama sociétés civiles ari mu bubirigi. Barya basohorewe ama mandats d’arrêt internationaux nafashe bafatwe bashikirizwe leta y’uburundi arabeko amahoro ataboneka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.