Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME iragabisha ku mutahe INSS yahaye ishirahamwe Amanda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME iragabisha ku mutahe INSS yahaye ishirahamwe Amanda (...)

OLUCOME iragabisha ku mutahe INSS yahaye ishirahamwe Amanda Drinks

lundi 2 Nyakanga 2013

Ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) rijejwe gutegekaniriza abakozi kazoza, kubona riri mu banyamitahe b’ishirahamwe Amanda Drinks ry’i Bubanza, biraraje ishinga OLUCOME, ishirahamwe ryiyemeje gurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo y’igihugu.

Amanda Drinks ni umugambi w’ishirahamwe ry’i Bubanza rihingura ivyavuye mu vyamwa n’imboga. Ni umugambi ukeneye amafaranga agera ku miliyaridi 40, ishirahamwe INSS rikaba rimaze gutangamwo imiliyaridi cumi na zibiri. Mu gihe abandi banyamitahe ba Amanda Drinks batazwi, ishirahamwe INSS naryo rikaba rikorera mu gisata co gutegekaniriza abakozi kazoza, OLUCOME iratangazwa n’ingene abanywanyi ba INSS batamenyeshejwe ibijanye n’ayo mafaranga yatanzwe na INSS kuri Amanda Drinks. Kubwa Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, ukudakorera ku mugaragaro niyo ntango y’ubunyonyezi n’igiturire vyazingamitse ubutunzi bw’igihugu.

Ishirahamwe OLUCOME riranegura kandi ukungene ibikoresho vyo kwubaka vya Amanda Drinks bidatangishwa ikori, ako nako kakaba agahombo ku gihugu kuko ayo mafaranga yokwinjiye mu kigega ca Leta.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, Gabriel Rufyiri ahamagarira abo vyega kuhagabira kuko ayo mafaranga anyurujwe, ingaruka zirwa ku banyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.