Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME iranegura umugambi wo kugabanya imodoka za Leta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME iranegura umugambi wo kugabanya imodoka za Leta

OLUCOME iranegura umugambi wo kugabanya imodoka za Leta

mardi 1er Gitugutu 2013

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza itunga rya leta OLUCOME ryatunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kunegura ivyerekeye umugambi wo kugabanya imodoka za leta ariwo bise « charroi zéro». Gabriel Rufyiri yavuze ko uwo mugambi utungisha bamwe bamwe mu bakuru ariko ugatuma ibikorwa vya leta bihagarara . Asaba ko itegeko ry’uwo mugambi ryo subirwamwo.

Mw’ ikete yandikiye umukuru w’ igihugu kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2013 hamwe n’icegera ca kabiri c’ umukuru w’ igihugu,Gabriel Rufyiri aranegura cane kubona uwo mugambi utizwe neza hakiri kare imbere yo gushirwa mu ngiro.

Mu ntango y’umugambi wo kugabanya imodoka za Leta amafaranga yarategekanijwe ku modoka za Leta yari imiriyaridi 13. Ariko ubu ayo mafaranga agara ku miriyaridi 29, mu mafaranga Leta itegekanya gukoresha ku mwaka. Kubwa Gabriel Rufyiri, ntivyumvikana ingene amafaranga akoreshwa yoguma yongerekana kandi leta yari yashizeho uwo mugambi mu ntumbero yo kugabanya uburyo bwagenewe imiduga ya leta. Aho ndetse, Rufyiri aradomako urutoke abantu batari bake baca bahabwa uburusho bukomotse kuri uwo mugambi wa « charroi zéro »

Kubwa Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, uwo mugambi urimwo utunenge tutari duke . yatanze akarorere k’abarangozi b’ibikorwa mu buzi bwa leta. Bahawe imiduga mu nyuma bakarungikwa ahandi, ababasubiriye bataroka uburyo bwo kwiyunguruza. Ivyo rero ngo bituma ibikorwa bimwe bimwe mu buzi bwa leta bugoyagoya mu gukorwa. Gabriel Rufyiri yanavuze ko hari abarongozi bikora ku gihagararo bahabwa mu kazi bagaca barenza urugero mu kwiha uburusho.

Gabriel Rufyiri aratanga akarorero k’umukuru wa sentare ijejwe kwubahirza ibwirizwa nshingiro. Uwo yahoze ari umukuru wa sentare irwanya ibiturire, yahawe umuduga mu mabanga mashasha yaragenywemwo aca agumana n’uwo yahorana mu mabanga yiwe y’ubwa mbere.uburorero rero nkubwo rero ngo burarwiriye. Ivyo rero bigatuma bikorwa vya Leta bigenda nabi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.