IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME ishobora kwikura mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya (...)

OLUCOME ishobora kwikura mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’abanyonyeza amatunga ya Reta bariyamiriza itangwa ry’amasoko ya Reta ririmwo igipfungu, aho habonekamwo ubunyonyezi bwinshi kuko adatangwa ku mugaragaro habanje kuba amahiganwa (avis d’appel d’offre international). Mu gihe Reta itokwikebuka, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rizoca rikura ikirenge mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations économiques), Gabriel Rufyiri yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2014, yerekanye amakenga afise ku masoko menshi atangwa hatabanje kuba amahiganwa.
Gabriel Rufyiri amenyesha ko amadosiye y’ayo masoko akenshi akorerwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, canke mu mugambwe uri ku butegetsi.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yatanze uturorero, nk’isoko yo mw’ibanga (marché secret), aha akavuga isoko y’umuceri n’ibiharage ku basoda n’abaporisi ryategerezwa gutangwa habanje kubaho amahiganwa. Ku bijanye n’isoko yahawe ishirahamwe ASSYST, Gabriel Rufyiri yerekanye ubusuma burimwo, kuko iyo soko yo gushiraho ubuhinga bwa none mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta ifise ubunenge bwinshi. Mu gutegura amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2013, bavuga ko iyo soko izotwara 1.300.000.000 mu mafaranga y’amarundi, ariko hakaba hatanzwe imiriyaridi 10. Amashirahamwe SG2 hamwe n’ishirahamwe VIETTEL nayo nyene yahawe amasoko ata mahiganwa abanje kuba. Hari n’amashirahamwe yahawe ivyo kwimba ubutare, ariko usanga amahera avamwo acaja kuri ya konti yo mu biro vy’umukuru w’igihugu, aha agatanga uturorero nk’amashirahamwe Rainbaw, AMMG, Flemish, minergy n’ayandi.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Muri OLUCOME basaba ko urwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta (autorité de régulation des marchés publiques) rwokwigenga, kandi rugahabwa uburyo bwogukora. Ibiro vy’umukuru w’igihugu navyo vyokurwa mw’itunganwa ry’amafranga ava mu gisata c’ubutare. Nk’uko bibandanya bishikirizwa na Gabriel Rufyiri, amasoko akwiye gutangwa ku mugaragaro hakabaho amahiganwa. Mu gihe rero ivyo OLUCOME isaba bitokwirikizwa, Gabriel Rufyiri amenyesha ko hatarenze ukwezi kumwe gusa, bazoca bava muri urwo rwego rujejwe kugenzura ingene amasoko atangwa mu Burundi


Floxella Karire

Messages

  • Muvuyemwo igihugu kibandanya kirongowe hisunzwe amategeko,kuko mwebwe mwitwa ko murongoye amashirahamwe,mutwarira hejuru.ntabanga mufise,mwebwe muri idoriya ry,ABAZUNGU,ntakabanga mugirira igihugu c,uburundi na barundi,mwifata nka banyamahanga,ahubwo jewe murantangaza caaane.kuki mwifata nkabagwanya L,Etat,aho kuyitera intege.uko mwifata nkabagwanya ubutegetsi nico gituma L,Etat nayo itabizigira,nkawewe RUTYIRI ivyo ushikiriza imisi yose kuma Radio uba wasavye umubonano ababijejwe ngo mubivugane,kugira ugiricubaterereye,ari wihutira kubararaza conyene,Hindura inyifato yawe RUTYIRI.

  • mbega yohanura ibuye ryisare

  • Non, Ntihagire umporako tudahuje ivyiyumviro, Ariko kuvugako amashirahamwe nka OLUCOM igihe yosokora akarenge ko Igihugu cobandanya kuko ariho ngo; cogendera ku mategeko! Haah, Murarabe neza kuko Ayo mashirahamwe n’ubwo hari abayagiriza gutwarira hejuru, Twibukanyeko uretse ivyo kwivuna umwansi mu rwego rw’igihugu ibisigaye mu twaro ibereye, bikorwa ku mugaragaro kuko ’Ntamwana n’ikinono’ Mbega ni bande bo kubimenya na nibande badakwiye kubimenya mubanyagihugu bahurikiye hamwe, bariha imisoro n’amahooro, mbere amadeni igihugu cinjiramwo azoheba akarihwa n’abuzukuru babo

    Burya twiyobagizako ababa barongoye igihugu mu rwego rwose baba bizigiwe na beneco, Gurtyo rero ntawo guhishwa aho ibagirwa! Yamara ibi ntibituma ku bwanje noshigikira OLUCOM n’amashirahamwe yandi akora nkabo ngo;Guta ukomoka niwo muti! Ntaho vyoba bitaniye n’umuntu yobona igisuma kiriko kirakwiba hanyuma akibundira ngo; hato kitamuhorako yavugije induru. Mu buzima bw’’Umwene gihugu harimo kubungabunga no gukingira inyungu ziwe n’izigihugu ku neza yaco mere nka babandi ngo;(Responsibilities). Nakera imfyisi iyo yatwara igitungwa c’umuntu runaka canke igacakira umuntu, Abagabo nyabagabo bahagarara ahirengeye bagasemerera haraho yaca igita hasi, itagitaye hasi ntiyasubira kwiba aho hantu itagererejeko bibagiye.

    OLUCOM n’abandi nkamwe ntimukundeko tuzobita abaguranyi bamwe mu kinyarwanda bita (Abagambaanyi). Turabemera kuko nimwe muzi imihora babicishamwo! Mushaka abanyagihugu twifashishe bande? ko badusesaho akarimi tubatora mubona iyo mu miturirwa bakorera tuzohagezwa na nde? Ni mudute ntaco ariko umuntu wese azobazwa ico yarashoboye gukora atakoze. Munyihanganire.

  • @Sekuri,urarivuze. none kokera kuri ba Bagaza na Buyoya aboba OLUCOME batariho igihugu nticagumye citwa igihugu cu Burundi? Atarukubera ivyagoranye biciye mugukumirana mumoko wibaza kohariho uwarigufata ikirwanisho aharanira ngohashingwe OLUCOME?

  • Mbega we wiyita sekuri nta soni.tu dit une chose et son contaire? wiyita sekuri hanyuma ukavuga ngo amashirahamwenagumye amabanga mugihe abarundi bariko baratikira.abaganga bogiye kw’iga ngo bavure abantu bababujije ngo natamahera mugihe uburyo buvuye mari exploitation des minerais buja kuri compte du président et de son part.ABANYAGIHUGU bariko birukanwa mu matongo mugihe umukuru w’igihugu afise des lilliers des hecterd dans toutes les commune du pays.quel genre de distribution du gateau bulbic dans ce pays wait and see.

  • mbeg nyabayo kumeng ntibumba imeng nimvura igwa mwishamba kwer kubwor ikitakumva wofuma wirekr kk ntakamaro murundi yavug bakica amatwi kandi babona aribint bibonek

  • Nuko ufise aho uvugira sha. Wagira kuri Buyoya ivyo wari kubidendemba? Nuko bataguhay igihugu ugitware tworaba ico ukora. Uri Paul se mweranda?

  • Ntibitangaje abategetsi bacu bama basahura igihugu gusa mwebwe muragumemwo mugume mwamama kukobibamwamama nimwavamwo bizocura iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.