Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME na SYGECO bishikiye mu buserukizi bw’ubushinwa gushikiriza amakenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME na SYGECO bishikiye mu buserukizi bw’ubushinwa gushikiriza amakenga (...)

OLUCOME na SYGECO bishikiye mu buserukizi bw’ubushinwa gushikiriza amakenga bafise

vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME hamwe n’uwa sendika y’abadandaza SYGECO bahawe umubonano mu buserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi, bakaba bari bagiye gushikiriza amakenga bafise ku madosiye atatu avugwamwo igihugu c’Ubushinwa.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, intumbero y’uwo mubonano kukaba kwari ugushikiriza amakenga bafise ku vyerekeye amadosiye atatu harimwo iyerekeye inyubako z’ikirimba c’umukuru w’igihugu hamwe n’idosiye ijanye na ca kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kigomba guhabwa sosiyete y’abashinwa.

Inyuma y’umubonano Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko ubuserukizi bw’Ubushinwa bwemeye gukurikirana ico kibazo, barabe ko ayo makenga afise ishingiro canke ataryo afise, bakaba bumvikanye rero ko bazosubira kubonana vuba baze barahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ayo madosiye.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bakavuga ko bizeye ko ubuserukizi bw’Uburundi mu Burundi butazemera ibintu bidaciye mu mategeko. Tubibutse ko ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura coba kigomba gihabwe isosiyete y’abashinwa kuzohakorera imyaka mirongo itanu yose ishobora kwiyongera, abatari bake na cane cane abadandaza bahora bakorera muri iyo soko bakaba barahira bakarengwa ko badashobora kuvyemera.


Floxella Karire

Messages

  • - CELA MONTRE A SUFFISANCE QUE CE MARCHE CENRALE A ETE BRULE PAR LE POUVOIR DU CNDD FDD
    - Mbe ni kuki muri uno mwaka wanyuma bariko bihutira gusahura amatungo yuburundi
    - abarundi bose nacane cane abahoze bakorera muriyo soko nibahaguruke bavyanke bankirize leta yuburundi naba CHINOIS ubwo bunyonyezi bariko barakora
    - Kubera iyo soko CNDD FDD yabonye ko benshi abahakorera batari muri uwo mugambwe kandi ko atamahera babaha nico gituma bashimye kuyiturira bakoresheje i POUDRE baca bagandagura umuntu yakorera aho kuri AVENUE DE LA MISSION kuko yarazi ivyo bakoranye
    - Abo ba CNDD FDD baravumwe n’IMANA basigaje TROIS MOIS ngo IMANA ibereke impembo bakwiriye ? DIEU A COMPTE , A PESE ET LES A DIVISE DANIEL 5 25-30

  • Abobagabo babwiwe nubuseeukizi Ko ivyobakorera ngaha muburundi babikora kubwibyunguzabo nizabarundi atirero nokubaturingaha Burundi ngonuko mwavyemeye ngonkubumwovugango nimutuvure mugihugu twovamwo, atirero komwebwe abarindi arimwebwe mubonako tutokwagura ibikorwavyacu mugihugucanyu ntiduahobora gukora ivyomudashaka ngoturaje dukomeze turonderere mubindibihugu ahodushobora gushira ivyobikorwa twashaka gushira ngahamu Burundi. Abagabo baciye bataha banezerewe ngokibumvise Ko abashinwa batazokorera mwicokibanza!.

  • Mucunge neza iyo leta ifise programe yo gutemba itembaganye ubutunzi bwacu,nibatange amatongo ya base na banyina

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.