Accueil > Amakuru > Poritike > OLUCOME yarituye umukuru w’igihugu
OLUCOME yarituye umukuru w’igihugu
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Biciye mw’ikete ryarungikiwe Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya igiturire mu Burundi, yamenyesheje ko itegeko rishasha rigiye kugenga abamenyeshamakuru ryari rikwiye gusubira kwigwa n’ababijejwe, kuko ku bwiwe, ririmwo utunenge.
Rufyiri Gabriel ashikiriza ko ingingo ya 19 n’iya 16 y’iryo tegeko ije gusubiza inyuma ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro kuko umumenyeshamakuru azotegerezwa gutanga aho yakuye inkuru, ivyo bikazotuma abazitanga bahura n’ingorane z’umutekano muke, ivyo bikaba vyaratangaje ishirahamwe OLUCOME. Iryo tegeko ridakosowe, ibwirizwa shingiro n’ayandi masezerano igihugu cateyeko igikumu bizoba bitubahirijwe.
Uwo arongoye OLUCOME yatanze akarorero akarorero k’amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arwanya igiturire, mu ngingo yayo ya 32 ategekanya ikingirwa ry’ivyabona, abahinga n’abahuye n’ivyago. Yisunze utwo tunenge twagaragaye, Gabriel Rufyiri asaba umukuru w’igihugu gusubiza inyuma iryo tegeko mu nama nshingamateka, nk’uko ibwirizwa shingiro, mu karongo k’197 n’198 ribimurekurira.
Egide Nduwimana
Messages
26 Ndamukiza 2013, 00:18, par Bigirindavyi Emmanuel
Ivyo bintu vyugutanga uwaguhaye amakuru sivyo,kuko vyokwicisha beshi.mumenyeko haba namakuru yo mw,ibanpa.