IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yikuye mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya (...)

OLUCOME yikuye mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta

vendredi 28 Ntwarante 2014

Ishirahamwe OLUCOME ryari ryatanze ikiringo c’ukwezi kugira ikibazo c’amasoko ya Reta atangwa mu gipfungu kibe catorewe inyishu. Ikiringo c’ukwezi catanzwe cararenze, ari naco gituma OLUCOME yaciye ifata ingingo yo gukura akarenge mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta (Autorité de régulation des marchés publiques).

Ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations économiques) ryishinze kurwanya ibiturire n’abanyonyeza amatunga ya Reta bariyamirije itangwa ry’amasoko ya Reta ririmwo igipfungu, aho habonekamwo ubunyonyezi bwinshi kuko amasoko adatangwa ku mugaragaro habanje kuba amahiganwa (avis d’appel d’offre international). Mw’ikete bari barungikiye umukuru w’igihugu haraciye ukwezi, OLUCOME yari yamesheje ko mu gihe Reta itokwikebuka, ishirahamwe OLUCOME rizoca rikura akarenge mu rwego rujejwe kugenzura itangwa ry’amasoko ya Reta.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Muvyo OLUCOME yanegura muri urwo rwandiko, Gabriel Rufyiri yari yamenyesheje ko amadosiye y’amasoko akenshi akorerwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, canke mu mugambwe uri ku butegetsi.
Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yatanze uturorero, nk’amasoko yo mw’ibanga (marché secret), aha akavuga isoko y’umuceri n’ibiharage ku basoda n’abaporisi yategerezwa gutangwa habanje kubaho amahiganwa. Ku bijanye n’isoko yahawe ishirahamwe ASSYST, Gabriel Rufyiri yerekanye ubusuma burimwo, kuko iyo soko yo gushiraho ubuhinga bwa none mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta ifise ubunenge bwinshi. Mu gutegura amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013, bavuga ko iyo soko izotwara 1.300.000.000 mu mafaranga y’amarundi, ariko hakaba hatanzwe imiriyaridi 10. Amashirahamwe SG2 hamwe n’ishirahamwe VIETTEL nayo nyene yahawe amasoko ata mahiganwa abanje kuba. Hari n’amashirahamwe yahawe ivyo kwimba ubutare, ariko usanga amahera avamwo acaja kuri ya konti yo mu biro vy’umukuru w’igihugu, aha agatanga uturorero nk’amashirahamwe Rainbaw, AMMG, Flemish, minergy n’ayandi.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yari yatanze ukwezi kugira ivyo bibazo vyose bikemurwe, none akaba ata na kimwe cakozwe. Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yaciye afata ingingo yo kwikura mu rwego rujejwe kugenzura ingene amasoko ya Reta atangwa. Ku bwiwe, ntashobora kuguma mu rwego rutariko rwubahiriza amategeko, akaba umurorerezi w’inyonyezwa ry’amatunga ya Reta ataco ari buhindure.


Egide Nduwimana

Messages

  • Oya Rufyiri urihenze!gumamwo ube uragira enregistrement,kuko ubwo buri kuminwa yabo biyita abasaje mama wanje nabo arabononyi gusa, buzoteba bukoroke!

  • RUFYIRI ico nogusaba nokubwo buyobozi bwa OLUCOME nahone woca ukabukanya nuwundi murongozi kuko ubumazeko imyaka myinshi,umenga nakibare kawe nukuri??!!.kandi urakabona wikuye mwuyo mugwi warujejwe gukurikirana ivyo vyayo masoko,kuko wewe uri mubariko barasamaza ubutegetsi,ivyukora bitandukanye caaane nivyo ujejwe muriryo shirahamwe OLUCOME,kandi urakoze cane jewe ndagushimiye,kuba wikuyemwo,kuko ntantererano nimwe wahora utangamwo Atari uguhangara banyakubahwa,kandi kizira.

  • Ndikubona iryoshyirahamwe OLUCOME igiyecyose rizaba rirongowe nuwomugabo atisonera mukuvuga mengo numuntu afise akagoranekiwe mukuvugamengo arita ntirizigera rigira icyorimarira abaturage, ubundi ishyirahamwe nkiryongiryo rikwiyekubariyobowe numuntu avugana Ubuntu, ubwitonzi, uburwaneza, njye ukomwumva ntabwoyigeze yemera iyo E tat, e tat nayo ntimwiyumvamwo, gukenyura ibibazo hagati yuwo arongoye iryoshiramamwe OLUCOME na E tat nuguhagarika kimwemuribyobibiri E tat kuyihagarika bifise ahobicya kugira ihagarare, bicabibonekako uwomugabo ahagarariye iryoshirahamwe OLUCOME arakwiye gusubirizwa nuyundi mumagurumashyashya bitabayivyo abaturagenabo banzagerigihe baboneko iryoshirahamwe atacyoribamariye kuko abenigihugu kubereka kuharanira inyunguzabo ntabwarukwirirwa uravugana akagagazo mugihe uriko uraterera icyiyumvirocyawe E tat, uwomugaborero ahagarariye OLUCOME ntangabirenantoya irimuriwe yokuvugana ubwitozi, umuntu ashobora gukebura e tat numuntu avugishukuri nubwitonzibwishi, nokwicishabugufi,ariko ajyambo asohoye rikabariryo rigira ubukana kubaryumvise gusumbagukanur’amaso nogutamabokohiryanohino, nomukuvugankingoma yatabutse uruhu.

  • Abantu ka GEZAHO aba dd mengo barabaroze !!!Mbe abadahangarwa ni bande!Ariko mwaragowe nico gituma aba dd batwiba atacamira aba dd bato baraciye ururimi !!Olucome ico dusaba abanywanyi n abandi bakunda igihugu dusaba kubika neza ama dossiers tuzobitwarira batacica ngo bakize ...nta handi tuzokura amafranga yo gukora imigambi ya leta ....Il faut structurer vos documents ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.