IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > OLUCOME yitwariye umukuru w’igihugu muri sentare yubahiriza ibwirizwa (...)

OLUCOME yitwariye umukuru w’igihugu muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

mardi 11 Ntwarante 2014

Ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) ryituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kugira basabe ko iyo sentare yofuta ishirahamwe ry’umukuru w’igihugu "Le Messager", canke umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akurwe ku burongozi bw’iryo shirahamwe, kuko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ritamurekurira kubangikanya amabanga y’umukuru w’igihugu n’ayandi mabanga ayariyo yose.

Umushingwamanza François Nyamoya asanzwe ariwe aserukira ishirahamwe OLUCOME muri urwo rubanza yibutsa ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, mu ngingo yaryo y’101, agace ka kabiri, ridatanga uburenganzira ku munkuru w’igihugu, bwo kurangura ayandi mabanga, yaba ku gatwe kiwe canke akorera uwundi, yaba abironkera umushahara canke abikora ku buntu. Ako gace ka kabiri k’ingingo y’101 y’ibwirizwa shingiro kavuga gati : " Dans le cas où le Président de la République occupait une fonction privée, rémunérée ou non, pour son propre compte ou pour le compte d’un tiers, il cesse toute activité dès la proclamation des résultats ."Mw’ishirahamwe OLUCOME bituye rero muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, kugira basabe ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akurwa mu burongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru "Le Messager" asanzwe ariwe nyene yaritanguje, akaba kandi ari nawe arirongoye.

JPEG - 71.6 ko
Umushingwamanza François Nyamoya

Kubw’umushingwamanza François Nyamoya aburanira OLUCOME, umukuru w’igihugu iyo abangikanije amabanga y’igihugu n’ibikorwa vyo ku gatwe kiwe, niho bica bishika n’imfashanyo zohawe igihugu zica zihabwa mwene ayo mashirahamwe, canke izihawe igihugu zikitirirwa ayo mashirahamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Oya nawe nagezaho erega natwe turashaka none harabuze uwundi yobumukuru wiryo shirahamwe??jew mbona adasiba mumisa ariko umenga ntavyasenga kuburyo yokwibagira namabwirizwa amwamwey’Imana.

  • abarundi mushingwanubusa.mugabo mukwiye kureka kuza mwifatira mugaha Umukuru wigihugu.mbega kuri Buyoya komutari muhari ?mubuze gukurikirana icatumye habinryane muriko mukurikirana ibikorwa vyumukuru wigihugu!

  • kumbe nawe nuko igihu carasahuwe kuva kera ntavonarinzi.mugabo ubwobucamanza bwacu buragoyagoya bukorera kugicure,ndabarahiye nahoyobarimwikosa akazokomangwa ndaha.nimutumwanya

  • OLUCOME yari yaratevye, mugabo nk’uko abafaransa bavuga : "vaut mieux tard que jamais". Ahubwo yarakwiye gusigura igituma yabaye mumakosa kuva kera!

  • Bosco nagomba ndakwishure,kuri Buyoyo abahutu barasemerera ninacogituma baronse ubutegetse uziko Buyoya yikuye kubutegetsi gusa ataruko abanyepolitike babahutu basemerera,abariko ubu ntibobimenya mwarimukiribato.Icutabesha yarabica akabafunga ariko ntibaretse kuvuga ibitagenda ndetse urazi nawe Ndadaye ko yamufunze ariko biba ivyubasa aramutsinda,en1993.None nanyu mugomba mukore nka Buyoya?Ubuse koyatwaza igitugu aracari kwiyo ntebe?Yagerageje kuyigarukako,kabiri mais abanyepolitike bindya munyu nkabarya bafunzwe aribo Bamvuginyumvira,ba Ntiba,Domitien naba Leonce baguma bavuga arateba ararekure kandi nabandi muzorekura.Nabazojako bakoze nkuko abazovuga bazobandanya bavuga icogihe nawe tuzoba tuvugirahamwe ibitagenda.Untahure neza.

  • Jewe nama navuze kwabo bagabo barongoye ayo mashirahamwe atarupfasoni bafise,RUFYIRI na PACIFIC bifata nkuko umenga nibavyara bumukuru wigihugu,uwundi mwanya bifata nkuko umenga biravukana.ahubwo nobahanura guhindura iyo ngendo igayitse yokwifatira mugahanga umukuru w,igihugu cacu,bamenye ko batangana,mbega ko batitwarira BUYOYA yishe president NDADAYE nabafasha biwe??.akongera akica KASIMALA yariyaje gufasha abarundi,ko batamwitwarira ku FB menshi yasahuye abanyagihugu ngo ni for de geure,kandi bari bahanzwa nintambara nubukene butagira izina?.ko batitwarira baba SANS-Echecs,baturiza abantu amapine na Essance nuko batabizi none.canke nuko vyakozwe nabo basangiye ubwoko bw,IGITUTSI??.canke indi nobobariza,ayo mashirahamwe bobo barongora imyaka yose badahindurigwa,mbe nisudire kurimwebwe gusa,ikindi naco mbega nta muhutu canke umutwa ashoboye gukabukanya namwe kubwo buyobozi bwayo mashirahamwe,uwovuga ko ari agatsiko kabatutsi ntiyoba yihenze.kandi gafise intumbero yogutobera intwaro irongwe nabahutu,kuko biribonekeza ko intwaro zarongowe nabo musangiye ubwoko bwubututsi mwifadikanya nazo,muguhohotera abandi,ndabarahiye mudahinduye iyo ngendo mwihaye muzokomanga intango iri mkurusenge ihitane iyiri kuziko zimeneke zose,ikindi mwomenya iyo nyifato yanyu RUFYIRI na PASIFIC yarataye igihe,mwebwe muracari 1993,twebwe natwe tugeze muri vision20-50.barabahenze basha.

  • Jewe ico nobwira abatutsi mwese murirusangi,mwari mwarimenyereye,none ntimugomba guhindura ingendo ngo mujane nibihe tugezemwo,mwomenya ko AKAMENYERO KO KICA INKWARE.kandi AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO.Tekereza mutwagwe nkabandi banyagihugu bose,mushaka kwama mwishira bhejuuuruu imyaka yoooseee.basha jewe nukuri murambabaza cane.harya nabandi barashoboye!!.kandi burya ndabahanuye,mwoshaka mworeka kuza murakoza agate muntozi,kuko zizobarya basha.muvuga gwabahutu bibagira ningoga,ariko namwe abatutsi ntimuhaha,kandi ntimunyugwa!!.ico mwomenya co nuko uwuzotangura kwatsa umucanwa tuzowumuzimirizako.akororero mwaraye mukiboneye kuri SINDUHIJE yagira awudomeke umwampi w,ikibiriti uca uzimwa n,umuyaga uvuye mwitanganyika,namwe murazi ko 14hoo habahari ibisebuzi(IMIKUBA)mwishi irimwo umuyaga mwinshi cane.nimwirambire benewacu batutsi twibanire mumahoro twiherewe n,iyaturemye.BAHO!!, TUBEHO!!.ok.

  • ahubgo nyakubahwa buyoya ubwenge afise subwa bose yarakibahaye ubu ariko yiyubakira izina mumakungu namwe muriko mwigira abahanga ayanyu muyasiga umunyororo hahaha. uwubona ko buyoya yatwaye nabi reka amagambo namwe mumwitwarire hakuvumbukana ibihuna rufyiri nimumureke.

  • Uwohora imbwa gusutama yozimara zose.Mbega uwo Rufyiri numva ariko asomera amategeko abandi ubwo we arayakurikiza??Ubwo uwosesangura amategeko agenga iryo shirahamwe riramurekurira kurirongora imyaka amaze arirongoye kuva rivutse,nta bandi bantu bariho borirongora?biroroshe kubona amakosa y’abandi.Nawe nyene amenye ko ariko araca kubiri n’amategeko mboneyeho akaryo ko gusaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati gukurikiranira hafi ivyiryo shirahamwe kugira natwe abarundi tumenye ko rirongowe hubahirijwe amategeko interne y’iryo shirahamwe hamwe n’amategeko y’igihugu ajejwe amashirahamwe sinon uca umenga amategeko araba bamwe abandi bakayagirako.

  • Haaaaa! None ubwo kweri Nyamoya yibazako tutabona ico asotera? Murabesha turabazi,kandi turabazi. Harya uwutavuze mwibaza ngo n ikijuju.Mumutuka abasengera,mumwifuriza ibibi,abakorera ivyiza hanyuma turabe ikizotsinda ikindi

  • ABARUNDI twari dukwiye gutwarira ibintu mu bwitonzi.Jewe simbona umuntu ahaguruka agashingisha urubanza yitwariye Umukuru w’Igihugu ko aba afise intumbero nziza yo gukunda abanyagihugu.

  • Gezaho,wewe ivyuvuga nivyo!ariko wibuke ko iyo vision uvuga ijanye nukuvuga nkuko kwaba rufyiri!abagamba nabo nibemange kandi bareke kwubahuka ingabo zacu zarasa indege zabo zikoresheje ibihunda!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.