Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Omar el-Bechir yankiwe gusohoka igihugu ca Afrika y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Omar el-Bechir yankiwe gusohoka igihugu ca Afrika y’Epfo

Omar el-Bechir yankiwe gusohoka igihugu ca Afrika y’Epfo

lundi 15 Ruheshi 2015

Sentare y’igihugu ca Afrika y’Epfo yankiye umukuru w’igihugu ca Sudani Omar el-Bechir gusubira mu gihugu ciwe,inyuma yaho sentare mpuzamakungu y’i La Haye isabiye igihugu ca Afrika y’Epfo kumuhagarika.

Amakuru ava mu gihugu ca Afrika y’epfo amenyesha ko, sentare y’ico gihugu ibisabwe n’ishirahamwe rimwe mu yadaharanira ivyicaro vya politike, yankiye umukuru w’igihugu ca Sudani Omar el-Bechir kuri uno w’Imana igenekerezo rya 14 Ruheshi,gusohoka igihugu hatabanje kwigwa neza ivyasabwe na sentare mpuzamakungu ko yohagarikwa.

Umucamanza wo mu gisagara ca Pretoria yavuze ko Omar el-Bechir adashobora kuva mu giohugu ca Afrika y’epfo urubanza ntabanduka rutabanje gucibwa.Yavuze ko abategetsi bategerezwa gufata ingingo zose zishoboka kugira ivyo ntibishike.

Bibaye ku ncuro ya mbere,aho igihugu co ku mugabane wa Afrika cankira umukuru w’igihugu gusohoka ico gihugu,kandi vyasabwe na sentare mpuzamakungu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.