Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS : Abandura ebola biyongera uko bukeye uko bwije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > OMS : Abandura ebola biyongera uko bukeye uko bwije

OMS : Abandura ebola biyongera uko bukeye uko bwije

vendredi 17 Gitugutu 2014

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko ririko rikurikiranira hagufi ibihugu 15 bisanzwe bigenderanira cane n’ibihugu vyo muri Afrika bifise umugera wa Ebola.

Muganga Isabelle Nuttal wo muri OMS akavuga ko ivyo bihugu ari ibisangiye imbibe na Liberia, Sierra Leone na Guinee, eka n’ibisanzwe bigenderanira cane. Iryo jisho ico gisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu kw’isi rero kikazoshinga ivyo bihugu, mu ntumero yo gutuza uwo mugera usa n’uwuriko urakwira isi yose, aho ubu ugeze muri Reta zunzubumwe z’Amerika.

Muganga Isabelle Nuttal wo muri OMS akaba yabariye abamenyesha makuru ko abariko barandura uwo mugera wa ebola baguma biyongera aho kugabanuka, ivyo bikabatera impungenge mu gihe abandura buri kwezi, biyongera incuro zibiri.

Igihugu c’Ubufaransa co, kikavuga ko ubu kigiye gutangura gusuzuma abava mu gihugu ca Guinee bose, ibikorwa bikazoza birabera ahiherereye ku bibuga vy’indege.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.