Accueil > Amakuru > Muri Afrika > OMS imenyesha ko hagiye kuboneka urucanco rwa Ebola
OMS imenyesha ko hagiye kuboneka urucanco rwa Ebola
vendredi 31 Mukakaro 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS rimenyesha ko ryari rigeze hafi cane yo kuronka urucanco rushobora kurwanya indwara ya Ebola.
Urwo rucanco rwageragejwe ku bantu igihumbi gatoyi inyuma yo kubona uwuri hafi yabo yanduye indwara ya Ebola.
Inyuma y’iminsi cumi, nta n’umwe muri abo bari bacandazwe yigeze agaragaza ibimenyetso vya Ebola.Urwo rucanco ntiruremerwa, ariko ibikorwa vyo kurukwiragiza biriko birategurwa.
Abantu barenga 11 000 bahitanywe na Ebola muri Guinee Conakry kuva yaduka mu kwa 12 mu 2013.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Myandagaro 2015, 06:30, par ndayireve@
IMANA ISHIMWE CANE,KUMBURE ABAHITANWA NAYO BOGABANUKA.
2 Myandagaro 2015, 10:57, par Irakoze
Apana,kama tutazidi kwenda kinyume na mambo ya Mungu,ataleta vigine,tujitahiji kumuchuwa Yesu kristo