Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > OMS yahinduye amabwirizwa ku muti upfupfahaza umugera wa SIDA
OMS yahinduye amabwirizwa ku muti upfupfahaza umugera wa SIDA
mercredi 30 Nyakanga 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, ryahinduye amabwirizwa yaryo ajanye n’itangwa ry’imiti irwanya umugera wa Sida.
Ishirahamwe OMS risaba ko umuntu wese amaze kwipimisha umugera wa Sida bagasanga arawufise,ko yoca atangura guhabwa iyo miti irwanya umugera.
OMS ivuga ko igerageza ry’imiti ipfupfahaza umugera wa Sida, ryasanze iyo ifashwe hakiri kare ituma abagendana umugera wa Sida babaho igihe kirekire kandi bikagabanya ko ubushobozi bwo kwanduza abandi.
Mu bisanzwe abaganga basabwa gutanga iyo miti ari uko hatanguye kuboneka ibimenyetso vyerekana ko ukudahangarwa n’indwara k’umuntu gutanguye kugabanuka ku buryo aba yegereje kurwara.
Aya mabwiriza mashasha agiye gutuma ibiharuro vy ’abahabwa imiti yo gupfupfahaza umugera wa Sida vyiyongera,bikava ku bantu imiliyoni 28 bigashika ku bantu imiliyoni 37 kw’isi yose.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Gitugutu 2015, 21:27, par François Hitimana
Iyo miti naho bayizanye nabwo ari solution. Ahubwo ivyiza mbona,twese twokizwa,tukava m-ubusambanyi. Aho Sida yohera!
2 Gitugutu 2015, 20:18, par françois
turabishimye cane kuko igihe co kubaho kigiye kwiyongera
4 Gitugutu 2015, 07:08, par gaciyubwenge
ni baduhe inhibiteur de fusion nkuko nabazungu arizo bafata
7 Gitugutu 2015, 00:25, par Munyaneza
Yemwe turabishimye gooose imana ibongere imigisha.
9 Gitugutu 2015, 20:11, par NIZIGIYIMANA Marc
IYO NGINGO YA OMS NI NZIZA CANE AHUBWO YARI YARATEVYE ARIKO NGO MIEUX VAUT TARD QUE JAMAIS.
Kimwe gusa OMS iraraba ifate nizingi ngingo ziherekeza iyo ngingo na canecane zo kurwiza imiti kugira bose bayironke Leta ibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu nayo ifate ingingo zituma ibibanza vitangirwamwo iyo miti bigwizwa kugira vyegere cane n’abayironka. Abayitanga nabonyene bagwizwe kandi bakarihirizwe ubwenge bikwiye. twizeye kandi ko iyo ngingo izotuma abipimisha biyongera. IMANA NIHABWE ICUBAHIRO IHEZAGIRE IBIKORWA VYIZA NKA BENE IVYO.
3 Kigarama 2015, 16:04, par HAKIZIMANA J,CCLAUDE
IRYOSHIRAHAMWE RIRAKABAHO KUKO BITAYEHO AMAGARAYABANTU AYOMABWIRIZA NIMEZA NUKUVUGA KOBINGUYENEZA KUBWIYOMIGAMBI
1er Nzero 2017, 19:47, par sikubwabo.davidi
GEWE.naronze.cyane.kandi.nahora mezeneza.none.mwanfasha.iki