Accueil > Amakuru > Muri Afrika > OMS yashinze umurwi uraba uko Ebola yarwanijwe
OMS yashinze umurwi uraba uko Ebola yarwanijwe
mardi 10 Ntwarante 2015, par
Ishihamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko ryashinze umugwi ugizwe n’abahinga bigenga, uzokwihweza ingene ryavyifashemwo mu kurwanya ikiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika.
Mu mwaka uheze OMS yariyamirijwe ku kuntu itanyarukije mu guhangana n’ico kiza kigitangura Abantu bashika ibihumbi cumi barahitanywe n’ikiza ca ebola.
Uwo murwi w’abahinga uzoba urongowe na Barbara Stocking, yahoze ari umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abagiraneza, Oxfam. Bikaba vyitezwe ko uwo murwi usohora icegeranyo ca mbere mu kwezi kwa Rusama.
Floxella Karire