IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB : Amakenga ntabuze ku myiteguro y’amatora

BNUB : Amakenga ntabuze ku myiteguro y’amatora

jeudi 6 Munyonyo 2014

Mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, yamenyesheje ko ivyari vyashitsweko mu bijanye n’ibiyago vya poritike bibangamiwe, mu gihe Uburundi bwiteguriye amatora azoba mu mezi hafi atandatu ari imbere.

Mu ngorane nyamukuru zibangamiye imyiteguro y’amatora mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi avuga impari ziri mw’ishirwaho ry’imirwi itegura amatora mu ntara no mu makomine, aho abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bagiriza umurwi w’igihugu CENI ko utubahirije iserukirwa ry’impande zose. Aragaruka kandi ku banyeporitike bohiganwe n’umugambwe uri ku butegetsi, ariko nka bose bakaba bafise imanza mu butungane. Kubwa Parfait Onanga Anyanga, ivyo CENI yagirizwa bituma haba umwikeko w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi idasubira kwizera CENI. Nk’uko Parfait Onanga Anyanga yabandanije abishikiriza muri iyo nama, imwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahisemwo gukura akarenge muri iyo mirwi itegura amatora, ivyo navyo bikazoshobora gukwega icuka kitari ciza imbere y’amatora, n’inyuma yayo, abo bavuye muri iyo mirwi bakaba bashobora kutazokwemera ibizoba vyavuyemwo.

JPEG - 15 ko
Parfait Onanga Anyanga, aganira n’abagize inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, biciye ku buhinga bwa Téléconférence

Reta y’Uburundi irahumuriza

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kane, mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bamenyesha ko Reta y’Uburundi yiteguriye gutunganya mu mwaka w’2015 amatora azoba mu mutekano, mu bwigenge hamwe no ku mugaragaro. Muri Reta y’Uburundi baremera ko igikorwa kibarindiriye kitoroshe, ariko bakemeza ko bazovyifatamwo neza, babifashijwemwo, n’abanyagihugu ubwabo, hamwe n’abasanzwe bafasha Uburundi. Abo bafasha Uburundi basabwe ahubwo gutegekanya uburyo buzokoreshwa muri ayo matora.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mwa ba dd nimureke kuturuhisha. Ivyo mwateguye birerekana ko amatora azogenda nabi. Ehe raba mwahaye akazi aba FDRL n’Imbonerakure ngo batuze intara zitabatoye(Bujumbura rural,Mukike,Gisozi,Rusaka hamwe na buja mairie).Mugusamaza abarundi muriko muvuga ngo mwarafashe mu Kayanza abana ba 2mois bariko bitegurira gutera igihugu. None ivyo bigamije iki? Amatora atekanye cg?

  • wamuntu wiyise consilie aka uri sindimwo nyene mubigaragara nuko gutsinda cndd FDD Atari vyejo canke hirya yejo nico gituma/ mwatoye ubundi bwenge bwokwemeza amakungu nabene gihugu kwamatora ariko ategurwa nabi kugira nimwatsindwa muronke urwitwazo ngo twari twabivuZe mbega we we ukoresheje ubwenge imana yaguhaye uravye,imigambwe Iri muburundi namashirahamwe amashengero ukwangana arinkawe umugambwe ufise abanywanyi 2 wowuha bangahe murayo macp na ma cc musigaje kuviga ko bashizemwo imbonerakure urumva ako gasuZuguro ngobahaye akazi aba fdrr hewe namba muvuga ivyo nguburundi bucanemwo nurwanda murobesha cane sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa

  • wamuntu wiyise consilie aka uri sindimwo nyene mubigaragara nuko gutsinda cndd FDD Atari vyejo canke hirya yejo nico gituma/ mwatoye ubundi bwenge bwokwemeza amakungu nabene gihugu kwamatora ariko ategurwa nabi kugira nimwatsindwa muronke urwitwazo ngo twari twabivuZe mbega we we ukoresheje ubwenge imana yaguhaye uravye,imigambwe Iri muburundi namashirahamwe amashengero ukwangana arinkawe umugambwe ufise abanywanyi 2 wowuha bangahe murayo macp na ma cc musigaje kuviga ko bashizemwo imbonerakure urumva ako gasuZuguro ngobahaye akazi aba fdrr hewe namba muvuga ivyo nguburundi bucanemwo nurwanda murobesha cane sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa

  • uravamwo abarundi batore,urujamwo,baratora.urabesha ngo imbonerakure,abafdlr mberushaka uvuge nibindi mberena al khaida uyishiremwo.turatora nta kabuza,eka naho boyrasa tuzotora.none umeke umutwe wiki? cndd-fdd yarahejeje ahubwo tegura ayo muri 20-25

  • Iciyuviro canje kuriyi nkuru, numubabaro gusa kuko birababaje ntabagabo bakiri Iburundi atari Inda ndende zabategetsi, kuva kumuto gushitsa kumukuru. Uravuga ubwenge butangwa n,Imana canke imana? Hari itandukaniro ntawuzi Imana akora ivyabarundi dukora, iyaba twari tuzi Imana twese iyo igihungu kiva kigashika twihana tugasaba imbabazi. Kuko ntushobora kuvugana ngo ukunda Imana utarabona ariko ukanka mwene so wabonye, soma bibiliya neza. Nayo niyaba ari imana biruvikana kuko ni kiranga. Kuja mwishengero Siko kumenya Imana ariko gukora ivyo ishaka niko kumenya Imana.

  • consilie sindimwo uravuze neza mbenda bibarize mwomenya uwo mukuru wigihugu amaze kugendera muri Bujumbura rural kangahe abanye rural mufatane munda ntibazobamara nawm irarire kandi na Ngozi bama basirimuye benshi barahahunze baza gukorera abanye Rural baba mugisagara tekane Rural ntaco muzoba

  • ce qui intéresse la population c’est la sécurité.D’après l’ONU elle doit faire le possuble pour arrêter toute sorte de violance qui peut arriver notre pays car on ne peut pas avoir confiance àtous les politiciens car il y a des bons et des mauvais politiciens.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.