IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONATEL : Ubuyobozi na Sendika ntibumva kumwe ivy’ishwiragizwa (...)

ONATEL : Ubuyobozi na Sendika ntibumva kumwe ivy’ishwiragizwa ry’abakozi

mercredi 30 Gitugutu 2013

Kugwiza amahera yinjira muri Onatel mu ntara za ruguru niyo mvo nyamukuru yoba yaratumye haba ishwiragizwa ry’abakozi bo muri iryo shirahamwe, nk’uko vyasiguwe n’ubuyobozi bukuru.

Ku vyaraye bishikirijwe n’abari muri Sendika y’abakozi ba ONATEL (Office National des Télécommunications) aho biyamiriza ishwiragizwa riherutse kwibonekeza muri iryo shirahamwe ku bakozi bakuru bakuru bamwe bamwe, ubuyobozi bwa ONATEL bumenyesha ko bashatse kwongereza igitigiri c’abakozi bakorera mu ntara za ruguru kugira amafranga yinjira muri iryo shirahamwe yongerekane.

Sendika y’abakozi ba ONATEL barandikiye urwandiko umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru aho biyamiriza ingingo iherutswe gufatwa n’ubuyobozi bw’ishirahamwe ONATEL yo gushwiragiza abakozi bamwe bamwe bidaciye mu mategeko. Iyo sendika ikaba yiyamiriza iyo ngingo yo gushwiragiza abo bakozi, kuko bamenyesha ko vyoba vyavuye ku bikorwa vy’igenzura vyakozwe n’urwego rujejwe kurwanya igiturire, aho bamwe mu bakozi bakuru bo mw’ishirahamwe ONATEL barenganijwe bagirizwa ko boba aribo batumye irwo rwego ruja kugenzura muri iryo shirahamwe ONATEL.

Abo muri iyo sendika bari batanze urutonde rw’utunenge twose bamenyesheje ubuyobozi, aho bwerekana amakosa amwe amwe yakozwe n’umukuru w’abakozi, ubu akaba ari we ajejwe ubutunzi (Chef comptable). Aho kumufatira ibihano, abo muri sendika baratangajwe cane n’ukungene yaciye ahabwa ayandi mabanga, nk’uko bibandanya bivugwa muri iryo kete. Muri urwo rwandiko babandanya bavuga ko intumbero ariyo gusambura inzego z’abaserukira abakozi. Mu bahinduriwe hoba harimwo ivyamoko nk’uko bibandanywa bivugwa muri iryo kete.
Abo muri sendika y’abo bakozi bakavuga ko iryo shwiragizwa ritisunze amategeko rirenganya kandi ritisunga intwaro ibereye.

Mwomenya ko abakozi bagera kuri 11 aribo barungitswe gukorera mu ntara zo hagati mu gihugu. Donatien Ndayishimiye, umuyobozi mukuru wa ONATEL yamenyesheje ko babikoze kuko ibice 40 gusa vy’abakozi ba ONATEL arivyo bikorera mu ntara za ruguru, bigatuma amafranga yinjira muri iryo shirahamwe aba make. Kubwiwe, ibishikirizwa na sendika y’abakozi ba ONATEL ntaho bisa bisana n’ivyakozwe kuko hagati mu gihugu hari hakwiye kuja abakozi b’incabwenge, babishoboye kugira baje gufasha abandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.