Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONELOP Burundi : Amatohoza arakenewe ku vyabaye mu Cibitoke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONELOP Burundi : Amatohoza arakenewe ku vyabaye mu Cibitoke

ONELOP Burundi : Amatohoza arakenewe ku vyabaye mu Cibitoke

vendredi 9 Nzero 2015

Ishirahamwe ONELOP Burundi ryiyemeje gukirikirana amatora riranegura abakoresheje abana mu ngwano zahora mu Cibitoke ca Rugombo hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bataramenyekana. Muri ONELOP Burundi basaba ko hokorwa amatohoza akwiye, abatanguje zirya ngwano bakamenyekana.

Mu gihe aberekanwe n’igisirikare c’Uburundi, nk’abarwanyi bafatiwe mu ntureka zaheruka mu ntara ya Cibitoke hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bataramenyekana, bagizwe n’urwaruka rukiri ruto, mw’ishirahamwe ONELOP Burundi ryishize gukirikirana amatora mu Burundi, bariyamiriza abatwaye abo bana b’Uburundi, bakabakoresha mu ntamabara kandi amasezerano y’i Roma ategekanya ko ari icaha c’agahomerabunwa.

JPEG - 31.8 ko
Njangwa Gilbert-Becaud arongoye ONELOP

Muri ONELOP Burundi basaba ko amatohoza akwiye yokorwa, abakoze ivyo vyaha bagakurikiranwa mu butungane. Iryo shirahamwe rihamagarira ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ko yorindira ibizova mu matohoza, kugira ibishikirizwa na bamwe n’abandi ntibikwege inzankano hagati y’abarundi basanzwe bagifise ibikomere vy’intambara bahitiyemwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Wewe urumugabo wukuri udaserutse uvugango uranegura igisirikare cuburundi ngokuko civunye umwansi bakongera bakavugango uburundi bukwiye gufatirwa ibihano.

  • Komera iyaba mugihugu cacu abiyita Ngo baserukira amashirahamwa adaharanira ivyicaro vyareta ariko vyukuri uravye ivyobavuga nivyo bakora ntahobataniye nabanyamigabwe aubwobo icobiphuza nuko bobona benuburundi bariko bacanamwo.nukuri wewe uvuze ijambo ryubaka kandi Imana iguhezagire ahubwu mushishikare guhanura ivyobigwarudubu Ngo barongoye amashirahamwe kandi aranyapolitique abanyagihugu twarushe kandi twararushe dukeneye amajambo yubaka atarayo guducanishamwo murakoze

  • nanje ivyabavitari muvyukuri sindasobanukigwa kwataco babizimwo kuko vitari nubu biraboneka kwakibbaye vita pore kubwumubabaro wabadya95 mugabo jew simbabaye witenze uwudashobora akumena amenyo

  • MWESE MUVUGA KI DD GUSA MBE ABAGIZIBANABI BAJE NTIBAZICA TWESE???BAZOBAREKA NGO NUKO MURI ABA DD??MURIHENDA YEMWE..NJANGWA NTACO AKORA NGO ATOZE ..EHE RABA INILAQE NTAKIGENDA DIPLOME YAHO IRUTWA NA LYCEE PEDAGOGIQUE..NTA PROF AKWIJE ,NTA RECTEUR EKA NTA KIGENDA AKORERA VYOSE HOSE INSTITUT IKORA KUMUGOROBA MU KIBANZA CA SECONDAIRE ATONDEKA NGO ARONKE UDUFARANGA..AKORERA ABA DD NGO AYO MANYANGA YIWE NTAMENYEKANE ,,,HEEE VYOSE BIZOHINDUKA.

  • HAPFUYE ABANTU BANGAHE MUKANYOSHA LE 07|11|2015?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.