Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONELOP : Nta nsiguro ihari y’ukugumiza Petero Karaveri Mbonimpa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONELOP : Nta nsiguro ihari y’ukugumiza Petero Karaveri Mbonimpa (...)

ONELOP : Nta nsiguro ihari y’ukugumiza Petero Karaveri Mbonimpa mw’ibohero

samedi 24 Rusama 2014

Ishirahamwe ONELOP ryiyemeje gucungera amatora risaba ko Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yorekurwa, kuko ata kintu na kimwe cotuma agumizwa mu munyororo. Njangwa Gilbert-Becaud arongoye ONELOP avuga ko mukurindira ko ukuri kumenyekana, Petero karaveri Mbonimpa yorekurwa akazobandanya kwitaba ubutungane yidegemvya.

Umukuru w’ishirahamwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Muvyatumye ahagarikwa, harimwo isanamu yerekanye y’urwaruka rw’abarundi rwaguye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ruri mu myimenyerezo ya gisirikare, bikavugwa ko iyo sanamu yoba atari iy’ukuri, kuko abariko boba batari abarundi. Kw’itegeko rya Salvator Ndayiziga batazira "Nyamizi", Petero Karaveri Mbonimpa yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mw’ishirahamwe ONELOP (Observatoire National des Elections et des Organisations pour le Progrès) bamenyesha ko ikibanza ca Mbonimpa Petero Karaveri atari mw’ibohero rya Mpimba inyuma y’ivyo yaranguye mu gihugu muri kahise gushika n’ubu akirwanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe.

JPEG - 27.7 ko
Njangwa Gilbert-Becaud arongoye ONELOP

Njangwa Gilbert-Becaud arongoye ONELOP amenyesha ko yisunze ibikorwa vya Mbonimpa, ubutungane bwari bukwiye kumurekura akaburana yidegemvya, mu kurindira ko ukuri kumenyekana kuvyo yagirizwa n’ivyo yashikirije. Nk’uko bibandanya bimenyeshwa na Njangwa Gilbert-Becaud arongoye ONELOP, n’aho vyoba vyarashitse uwo mutama akihenda kuri iyo sanamu kubera imyaka yiwe igeze kure, ubutungane bworaba cane cane intumbero yoba yari afise. Mw’ishirahamwe ONELOP babimenyesheje mu nama bari batunganije y’ukurabira hamwe ingene amatora yo mu mwaka w’2015 yocungerwa neza, kugira ntihazogire abasubira kuvuga ko yibwe, ari navyo bituma umutekano uca uhungabana.

Mwomenya ko mw’ishirahamwe ONELOP bamenyesheje ivyo mu gihe kuri uwu wa gatandatu hazindutse amakuru yo kwizerwa avuga ko Petero Karaveri Mbonimpa ashobora kurekurwa umwanya uwariwo wose. Amakuru ava aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, abanyororo baguma baja gushikiriza ibibazo vyabo ku bwinshi Petero Karaveri Mbonimpa, kuko nabo bumvise ko ashobora kurekurwa bitarenze ku munsi wa mbere.


Egide Nduwimana

Messages

  • jewe mbona yakagomvye kuguma mukasho gushika yihane akurikire Imana hagukurikira uprona

  • Abarundi ubunihonkibona koturinda kabisa! umuntu arafatwanikosa riboneka icutinabagenzi hakumusabira imbabazi bagakomeza kwivugira ngo turasaba arekurwe!? Muvyukuri iyaba mumukunda mugakunda nigihugu canyu cu Burundi mubamwaramusabiye imbabazi kandi mukongera mukamugira inama nawe agasabimbabazi, kuko mumusabiyimbabazi canke wenyene agasabimbabazi yarinkogucibwa igihano kigana numunyororo wimyaka 5 iraheza ikagabanuka. ariko hagusabimbabazi ahubwo mukomeje iterabwoba kubutungane bwuburundi. Muvyukuri kubarumutama afisimyaka 66 ntibisigurako acayemererwa kurementaniriza u Burundi, jewendazi abantu bamusumvya imyaka ariko batigeze bakorera amabi angina nkayo yakozwe nuwo mutama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.