Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Onesime Nduwimana yabujijwe kuja mu rugendo rw’akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Onesime Nduwimana yabujijwe kuja mu rugendo rw’akazi

Onesime Nduwimana yabujijwe kuja mu rugendo rw’akazi

lundi 30 Ntwarante 2015

Onesime Nduwimana yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD yabujijwe kurengana imbibe z’Uburundi, aho yari agiye mu rugendo rw’akazi mu gihugu c’Ububirigi.

Onesime Nduwimana asanzwe ari umuyobozi wa SOCABU akaba yabujijwe kwurira indege yagira imushikana mu gihugu c’Ububirigi, aho yaja kumara iminsi itanu mu nama y’akazi. Inyuma y’amasaha ariko arabazwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uyu wa 29 Ntwarante, yahavuye asubira inyuma, atagiye muri ivyo bikorwa vy’inama. Yagirizwa itunganywa nabi ry’ishirahamwe SOCABU asanzwe arongoye, nk’uko bamwe mu bakozi b’iryo shirahamwe babivuga.

Ariko rero nk’uko bamwe mu bagumyabanga basanzwe bari mu rugamba rwo kwanka ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza babivuga, ivyashikiye Onesime Nduwimana, n’imvo z’ukumuburabuza, nk’iziriko zirategurirwa n’abandi bagumyabanga banse ico kiringo kigira gatatu. Mukamenya ko kugeza n’ubu, Abagumyabanga batandukanye babandanya gutera umukono ku rwandiko rw’abanse ico kiringo, iminsi itatu nayo bahawe kugira basabe imbabazi umugambwe CNDD FDD, barahiye, nk’uko bivugwa n’umushingamateka Oscar Ndayiziga yatowe mu ntara ya Muramvya.


Aristide Nizigire

Messages

  • shihurane cane! Umwe niw yavuze ngo: igh warumuyobozi mukuru,abujejw barapfungwa,baricwa, barahohotegwa ntaco wigera ukora ngo ubakize none naw
    urashikiriw twese turanumye! Haragez ko mwishura naw amabi mwakorey abomutavuga rumwe!

  • EWE ONESIME NTACO WOBONA.URAZI INGENE UDUTWARA NABI WEWE....!ARIKO WARAMENJE SHA....HARYA CNDD FDD NTAYUZI NICO GITUMA UKORA IVYUTAZI KUKO URUGAMBA NTARWO WABONYE.
    ARIKO USAVYE IKIGONGWE TUZOKUBABARIRA NI SAWA KUKO TWEBWE ABAGUMYABANGA UMUBNTU ABAYE GITO NTITUMUREKA.
    AYO MA MISSION YAKAZI BANZA UBE URAYAREKA KWANZA TUBANZE TUGUKOSORE SHA.SIKO!

  • None umugambwe n’urugamba rwo mw’ishamba nico kimwe? Mwabonye he umugambwe washingiye kubarwanyi gusa? imbere y’uko umuhari uba umugambwe, ugomvye kuronka abandi bawushigikira ndetse bataba barabaye no kurubuga rw’amasoro ! D’ailleurs nibo bazana ivyiyumviro bihanitse vya démocratie !! Ivyo navyo bahora Onésime ngo vyogutwara nabi Socabu, nimumbwire ishirahamwe canke ministère itwawe neza kurusha !!?? c’est du blufff kubera wewe abona kure nico gituma yasinye!! Courage mon frère. ta détermination et ton franc parler t’amenera bientôt au sommet de la gloire. Qu’il pleuve, qu’il neige. god bless you !

  • Ntabagabo bijunja n’ijambo kandi bincabwenge nka ba Onesime,Leonidas n’abandi benshi bari inyuma yabo bokwifatigwa mu gahanga n’akagwi k’abantu bari kurushi bo muri cndd fdd kagomba k’Uburundi n’Abarundi bagwa mumanga kunyungu zako rindira aho bukera Pita yihende ngo yitoze niho muzobona abagumyabanga bakunda Uburundi n’Abarundi ko badatamikwa ijambo! Kuki umugambwe mugomba kuwuhindura nk’akagwi kiterabwoba sha ntimuzonanira imiriyoni cenda z’Abarundi.

  • Yabaye "Etat ou Une Association Politique"? Qui peut me repondre vraiment car:
    "Tout État est évidemment une association ; et toute association ne se forme qu’en vue de quelque bien, puisque les hommes, quels qu’ils soient, ne font jamais rien qu’en vue de ce qui leur paraît être bon. Évidemment toutes les associations visent àun bien d’une certaine espèce, et le plus important de tous les biens doit être l’objet de la plus importante des associations, de celle qui renferme toutes les autres ; et celle-là, on la nomme précisément État et association politique".

  • Abagumyabanga nukwibakora? Democratie nukwiyadukiza? Freedom to speech nokuvuga ivyomwikoza nuwomwubakanye vyose ukowishakiye? Nayaba mwishura ngo ego turagowe biraheze.

  • sivyiza kuvanga ivyakazi numugambwe namba atayandi makuru bari bafise kwagiye kubonana nasinduhijee nyangoma pankarasi baba bamuretse canke bamukure bamusubirize abahutu twarapfuyimitima nsinarinzi kumugabo nka onezime yokubahuka gutwarira hejuru nayo gukora nabi ntabitanguye aruko amenye ibanga nimureke. kubesha

  • Komera kwibanga bagumyabanga

  • Bavyanka,bavyemera Petero Nkurunziza ategerezwa gutwara Uburundi mu kiringo ciwe kigira kabiri yitorewe n’abenegihugu benshi bita ica gatatu. Yitoza yareka twe tuzomutora uwanka yangare. Abashaka kudusubiza inyuma ntituzobihanganira aya mahoro twayaronse turushe.

  • nuwob atazibiber mugihug yokunvakwaziz kutemer manda ya3 nibareke demokaras isagarar twishir twizan ivyo ntibizotum batsind amator

  • ’reka muryane cndd sinarinzi ko mworyanye uko ahubwo bandanya mumangurana gusumba ba onesime nabandi barakoze kutwibira aga secret mugabo nabo nyene ntitubizeye cane umugani wanyu numwungu wa gwa ..... heraheza

  • Ega ntibitaje kuba igihugu yogitabayanga mwibukeko turabakinyi rero iyo umukinyi yabonye ko yamaze gutsindwa asigara aheba umupira agatema ibice umwataka afashe umupira hakugira atumbereze mwigori awuta inyuma yikibuga kuko ntaba akimenya ivyo akora. nabandi ubwenge bwaramaze gutokorwa igatuma ubwonko bukora neza akagozi gahinda urushinge rwerekana igihe karacitse rusubira inyuma nicogituma ivyo bakora batabona igihe umurundi siwawundi wo mu72 igihe kirageze mutangazwe nubuhinEga ntibitaje kuba igihugu yogitabayanga mwibukeko turabakinyi rero iyo umukinyi yabonye ko yamaze gutsindwa asigara aheba umupira agatema ibice umwataka afashe umupira hakugira atumbereze mwigori awuta inyuma yikibuga kuko ntaba akimenya ivyo akora. nabandi ubwenge bwaramaze gutokorwa igatuma ubwonko bukora neza akagozi gahinda urushinge rwerekana igihe karacitse rusubira inyuma nicogituma ivyo bakora batabona igihe umurundi siwawundi wo mu72 igihe kirageze mutangazwe nubuhinga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.