Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU irasabira Philippines imfashanyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU irasabira Philippines imfashanyo

ONU irasabira Philippines imfashanyo

mardi 12 Munyonyo 2013

Amakungu asabwa gutanga imiriyoni amajana atatu z’ama dorare y’abanyamerika yo gufasha abanya Philippines bahuye n’ivyago inyuma y’impanuka y’igihuhusi yahaciye mu ndwi iheze.

Uwujejwe gutunganya ibikorwa vy’ubutabazi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Valerie Amos, yamenyesheke ko imfashanyo ziriko zishika mu buryo bwitonze cane kubera henshi amabarabara adahita, n’izindi mpamvu z’uburyo.

Ubwato butwara indege bwa Reta zunze ubumwe za Amerika, George Washington, bwazananye muri Hong Kong bwerekeza muri Philippines bwikoreye indege zo gufasha gutanga imfashanyo.
Amakuru dukesha BBC avuga ko bwatwaye indege zigera kuri mirongo umunani zirimwo za kajugujugu mirongo ibiri n’imwe.
Ubwo bwato buzoshikayo inyuma y’iminsi ibiri canke itatu.

Imfashanyo z’amakungu zirabandanya kurungikwa n’aho zishika zitonze cane. Ubwongereza bwarungitse ubundi bwato n’indege ya gisirikare vyo kuja gufasha Philippines gutanga imfashanyo.

Ubuyapani, Korea y’epfo na Malaysia, hamwe n’Ubudagi ndetse na Israel, biri mu bihugu bigiye guterera abazoja gufasha mu gikorwa co gutabara ahasinzikaye cane muri Philippines.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.