Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU isaba Tanzaniya kugira amatohoza ku wuherutse kunyuruza (...)
ONU isaba Tanzaniya kugira amatohoza ku wuherutse kunyuruza umunyamwema
vendredi 9 Nzero 2015
Umwe mu bategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba abategetsi b’igihugu ca Tanzaiya kuira amatohoza ku mwana w’umunyamwema aherutse kunyuruzwa.
Uwo mwana w’umwigeme yanyurujwe akaba yari afise imyaka ine gusa y’amavuko, akaba yatwawe n’umuntu yari afise ishoka kuri uyu wa 27 Kigarama umwaka w’2014. Uwo yatwaye umwo mwana akaba yabanje kuboha umuvyeyi wiwe. Uwo mwana w’umunyamwema yanyurujwe akaba agize uwa 70 anyurujwe canke yishwe aho mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko vyagiye birashikirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka ka zina muntu.
Bamwe mu banyamwema bo muri ico gihugu ca Tanzaniya, bakaba barataye barahunga kugutinya ko bicwa canke ngo bacibwe bimwe mu bihimba, kugira abafyitirizi baheze baje kubikoresha mu bikorwa vy’abarozi.
Aristide Nizigire
Messages
9 Nzero 2015, 20:05, par Mudendezo
Nukuri Bira Babaje Kandi Bikurikiranwe
10 Nzero 2015, 11:15, par BIGIRINDAVYI
NAHO IGIHANO CO KWICA CAKUWEHO BIRAKWIYEKO ABOFATWA BONYONGAMWO NKA BABIRI BAKAVYEREKAN KUMATELEVISION NAMARADIYO BABARA AKARORERO ABANDI ATARUKO UBWOKO BW,IMANA,BARABUMARA
12 Nzero 2015, 16:31, par Appolinaire
Birababaje,cane Nkumuvyeyi kuvyar’ukarera Ntukuze.Ubona uwakwiciye. kwihangana Biragoye.Ariko abofatwa,ikigongwe Kikava kuwiciwe.Ariko Imana Mubabarira bandi kugira namwe mubabarigwe.Arik bafatigwe Ibihono.Nongaha,mugihugu cacu birahari.Arik,sindumva Ibihano baciriwe Nkomuntara Ya Ruyigi.Murakoze Umwaka mwiza.