Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU izofasha mu matora yo mu mwaka w’2015 mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > ONU izofasha mu matora yo mu mwaka w’2015 mu Burundi

ONU izofasha mu matora yo mu mwaka w’2015 mu Burundi

vendredi 18 Nzero 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riremeza ko rizoshigikira amatora yo mu mwaka w’2015 mu Burundi. Vyashikirijwe n’uwurongoye igisata ca ONU kijejwe gutsimbataza amahoro, Paul Seger, inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’igihugu.

Uwuserukira igisata ca ONU yavuze ko amashirahamwe mpuzamakungu yiteguriye gushigikira u Burundi mu migambi yo guhindura ibintu muri politike n’ubutunzi. Igisata ca ONU kijejwe gukomeza amahoro n’umutekano kw’isi ngo kiriteguriye gufasha u Burundi kuva mu nteguro y’amatora yo mu mwaka w’2015. Ico gisata ngo kizokorana n’ibanki y’isi yose n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD ngo kuko igihugu kitagira amahoro nta terambere kigira.

Paul Seger yaribukije ko naho biri uko, ngo u Burundi buracafise intambwe butegerezwa gutera mu vya polike ariko ngo muri rusangi amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU n’ibanki y’isi yose ngo arashima aho igihugu kigeze. U Burundi ngo buramaze gutera intambwe itari nto bituma n’amashirahamwe mpuzamakungu ashira icizere ku gihugu.

Inyuma y’umubonano yagiranye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, Paul Seger yaboneyeho akaryo ko kubwira Nkurunziza ko yokomeza ibiganiro n’umwumvikano kubafasha u Burundi, ari naco kizotuma imfashanyo zemerewe u Burundi mu nama yabereye i Geneve muri Suisse ziboneka mu mugambi wo kugwanya ubukene CSLPII. Muri iyo nama u Burundi bwemerewe imfashanyo z’amafaranga arenga imiliaridi 2 y’amadolari y’abanyamerika.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.