Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yahagurukiye abakoresha Imbonerakure mu gutoteza abatavuga rumwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ONU yahagurukiye abakoresha Imbonerakure mu gutoteza abatavuga rumwe na (...)

ONU yahagurukiye abakoresha Imbonerakure mu gutoteza abatavuga rumwe na CNDD FDD

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bahagurukiye ibivugwa ko urwaruka rw’Imbonerakure rwahawe ibirwanisho, ndetse imibonano y’urutavanako ikaba iguma iba ku c’icero c’iryo shirahamwe no kumurwa mukuru w’Uburundi.

Samantha Power yakiriwe na Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu

Kuva Samantha Power, umuserukizi wa Reta zunzubumwe z’Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba n’umwe mu bayobozi bishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama agendeye Uburundi, ivyo uyo mupfasoni yabonye, yumvise canke yasomye mu vyandikwa, akaba yarabishikirije mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kuva ico gihe, amakuru ava ku c’icaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akaba amenyesha ko yaba Jeffrey Feltman ajejwe ibikorwa vya poritike mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU canke Stéphane Dujarric umuvugizi wa Ban ki Moon bose berekana ko, hamwe bamwe mu bategetsi b’Uburundi batohagarika ibikorwa vyo gushuhurira urwaruka rw’Imbonerakure mu banyagihugu, za sentare mpuzamakungu zibarindiranye yose. Eka mbere nk’uko aya makuru abandanya ava i New York abivuga, Ban ki Moon akaba yarabonanye n’umukuru w’igihugu C’Uburundi Petero Nkurunziza co kimwe n’icegera ciwe haraheze iminsi, kandi bakaba bavuganye ibijanye n’ibihe vya poritike bitameze neza igihugu kirimwo.

Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu na Ban ki Moon umunyamabanga mukuru wa ONU

Muri ico gihe nyene, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, akaba yaciye abonana n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, mu nyuma abonana n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, mu ntumbero yo kubasaba guhanura abategetsi b’Uburundi, gufata ingingo ziboneka ku bivugwa ku gihugu.

Kuri ivyo vyagirizwa urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, abategetsi batandukanye bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nabo, bakaba baribonaniye n’abaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika co kimwe n’abayobozi bo mu karere Uburundi buherereyemwo, ndetse Adama Dieng umuhanuzi adasanzwe wa Ban ki Moon mu bijanye n’ukurwanya ihonyabwoko akaba ari mu Burundi, aho amaze kubonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi, ivyo vyose bikaba mu ntumbero yo gukingira Uburundi akaga.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakaba bagabisha abategetsi b’Uburundi babandanya gushuhurira urwaruka rwabo mu banyagihugu, babakubagura canke babakorera ayandi mabi ahungabanya agateka ka zina muntu, ko abo bategetsi buca bashengezwa muri sentare mpuzamakungu atakinya nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa Ban ki Moon.

Stéphane Dujarric umuvugizi wa Ban ki Moon

Umuvugzi wa Ban ki Moon akamenyesha ko mu gihe Uburundi bwegereje amatora yo mu mwaka w’2015, bipfuza kubona ishaka ry’igihugu mu kurekera ubwigenge imigambwe, abanyagihugu n’intwaro rusangi mu gihugu. Arangiza amenyesha ko urugendo umupfasoni Samantha Power yagize mu Burundi, yasavye abarongoye igihugu kubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu co kimwe n’ibwirizwa nshingiro.

Mukamenya ko kuri ivyo, umugambwe CNDD FDD wagirizwa guha ibirwanisho Imbonerakure, bavyamirira kure ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Mw’itangazo umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi Pascal Nyabenda yoshize ahabona, avuga ko umugambwe CNDD FDD udashigikiye na goto urwaruka rwonona ruhurikiye mu migambwe, na cane cane ko atamuntu n’umwe ari hejuru y’imategeko.

Imbonerakure za CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Nibaza ko hageze abategetsi b’uburundi bemera bagahanugwa.ngo umanika agatu wicaye ukakamanura uhagaze.nkurunziza nogusaba ko wohanugwa.inyo y’inkoko uyerekwa n’umuyaga.umuti wawe uri ko urabira.bye

  • yemwe yemwe hagarika akajagari mwa ba dd mwe ..mbega gushika ryari ga mba basazi mwe..!!!!

  • Ico nsaba abarundi bene wacu,ntakindi jewe mbona ataruko twese twohagurukira ugusenga Imana.Nitwasenga Imama izokiza igihugu cacu twicishije bugufi,dusome ijambo ry’Imana riri mu 2NGOMA 7:14-15 dukwiye kugiriranir’amahoro n’abantu bose hamwe n’ukwezwa,dusome ab’ABAHEBURAYO 12:14-17 inyishu iri mu gusenga ,ikibabaje mu Burundi 90%n’abasenga ba batijwe biyitirira KRISTO,murakoze.

  • Ico nsaba abarundi bene wacu,ntakindi jewe mbona ataruko twese twohagurukira ugusenga Imana.Nitwasenga Imama izokiza igihugu cacu twicishije bugufi,dusome ijambo ry’Imana riri mu 2NGOMA 7:14-15 dukwiye kugiriranir’amahoro n’abantu bose hamwe n’ukwezwa,dusome ab’ABAHEBURAYO 12:14-17 inyishu iri mu gusenga ,ikibabaje mu Burundi 90%n’abasenga ba batijwe biyitirira KRISTO,murakoze.

  • Ubu ngira bobona ko uburundi atari izinga ari igihugu cabose bakicara bakunva bose kwari bamwe bitarivyo navyo ntibigire ngo ntabategetsi intahe izobokera.

  • iki kijuju nibagikure. Ariko abihendako hazaba Genocide ngaha reka mbakurire agahu ku nyo, ABATUTSI TWABUZE NI BENSHI igihe kirageze ko abatutsi bo muri grand lacs birwanirira nk’uko UMUTAMA MUSEVENI KAGUTA YOWELI aherutse kubishikiriza mugihe yari kwibuka IHONYABWOKO RY’ABATUTSI bo mu Rwanda yavuzeko bitazongera ko ubu dufise inguvu za gisirikari na politique harya rero ntiyavugaga u Rwanda na Uganda gusa, yavugaga aka karere kose. Petero rero nusubize amerwe mw’isaho kuko na havyarimana yarabatanguriye.

  • @ karikurubu. Nibyo I by’uvuze nukuri kwamye kabisa. Peter Nkurunziza agomba kugenda kuko ikigaragara nuko ntaco ashoboye kandi sinibaza muri 2014 dukeney’iterambere muri democrary,economy,academi eka muri byose. Ntamurundi numwe afit’ubweng’anezezwa no kubona kuv’uburundi bwikukira nta ntambwe nimwe buratera mwiterambere.

    Ikibanza bwariho bwikukira ninaco bukiriho nubu. Immyaka 40 dutwagwa nabatutsi ntanakimwe cakozw’uretse kugabur’igihugu mwama provence adakenewe kugira bagwiz’ibibanza byub’ubutegetsi kugir’abo mumilyango bose babon’aho batwara. haba no gutez’igihug’imbere byibura na metero imwe wapi.

    10 years ya petero nkurunziza nayo wapi ibintu bitanguye no gusubir’inyuma. Ntanashobora noguh’imbonerakure ze discipline.Nabo bitwarana bigagara ko bikundir’ibyo bahanoba gusa bakamuhenda.

    Wowe ng’abatutsi bamaze gupfa nibenshyi ngo mugiye??? Mbe kutavuz’ ababantu mumaze kwica. Iy’abatutsi muriko murirwa musakuza nibaza harib’ibintu bimwe mwibagira. Mbe mwibaza ko abantu bacu mwariye 1972 twabibagiye??? Abacu mwariye ntega na marangara bo tur’ibijuju cane tunuma kuko twabibagiye?

    Mbe mwibaza ko aba president ba 3 babahutu mwishye mumwak’umwe kuko tur’ibijuju twaribagiye??? 5Million zababantu mwirengeje muri congo aba bantu nibijuju twaribagiwe??? Amahoro nimeza cane kandi twese ntawushaka guhora mukahise mugabo mushak’iyo war ukangishya mwatangura nuno munsi ndazi abahutu naba bantu muri rusange bamaze guhumuka byarahindutse bilya byaker’ukibaza sibyo byubu. Muri Congo naho numva million ziyaga nkibyo nyen’mutazaza muguma mwibaza k’ibintu bikiri bimwe bya kera.

    Amahoro nubwumvikane nibyo byambere ariko bidashoboka amasomo yuk’umunt’ari nkuyundi yotangwa da.

    Infact nkeneye dukeneye kumeny’ah’abantu bacu ba 1972 na ntega namarangara baririwe. Nibiaze ko mutabamirana namagufa yabo,murafit’aho mwayashiz’igihe nicagera muzohatwereka nabo tubazikan’iteka nkuk’abandi bashinguranw’iteka.

  • Emwe jewe ABATUTSI murantwenza ,uyo mukino murimwo mwifuza wogushikira ubutegetse kumwe mwahora mubigira nobahanura ko mwogezaho??.ABAHUTU mwabishe kuva kera ,mugabo ubu nsinzi kobazokwemera kwicwa nkintama,mwese mwanditse ngaha mutukana mwongera mutyoza abaturongoye,nibaza komwebwe muriko mukinisha umuriro ariko mutaramenya neza aho wohera mukwaka,mwoshaka mwobirekamukaramuka muvyuye akababaro kabahutu batewe namwebwe nyene Abatutsi,muzokwirengere ingaruka zose zizohaba.kandi burya mwebwe abatutsi mwamye mwi ikwezi zakamboro kibara,ntaco nvuze ,imitima yanyu arababwira,

  • Reka kuvuga ivyo ngo abatutsi bapfuye ngo abahutu bapfuye ivyoturabizi none mweho sinunva ariyo ntumbero mufise none ijambory;IMANA rivuga gute?Namwe muricokimwe naba dd hama nkurunziza sinakubujije gukinisha IMANA genda ivyawe ntakintu!

  • Reka kuvuga ivyo ngo abatutsi bapfuye ngo abahutu bapfuye ivyoturabizi none mweho sinunva ariyo ntumbero mufise none ijambory;IMANA rivuga gute?Namwe muricokimwe naba dd hama nkurunziza sinakubujije gukinisha IMANA genda ivyawe ntakintu!

  • Reka kuvuga ivyo ngo abatutsi bapfuye ngo abahutu bapfuye ivyoturabizi none mweho sinunva ariyo ntumbero mufise none ijambory;IMANA rivuga gute?Namwe muricokimwe naba dd hama nkurunziza sinakubujije gukinisha IMANA genda ivyawe ntakintu!

  • Reka kuvuga ivyo ngo abatutsi bapfuye ngo abahutu bapfuye ivyoturabizi none mweho sinunva ariyo ntumbero mufise none ijambory;IMANA rivuga gute?Namwe muricokimwe naba dd hama nkurunziza sinakubujije gukinisha IMANA genda ivyawe ntakintu!

  • Ntabwicanyi nta jonucide mu Burundi izobaho, ariko abobayivuga nimbabafise ikintubariko barategura kugira jonucide bayikore ivyontavyozi, ONU rero nimbavyukuri arugukunda abarundi irakwiye kutubariza nabobavugango hazoba jonucide bakavuga ikizoba imbarutso hanyuma jonucide ikabona gutangura. Vyobanavyiza ibwiye abobatavuga rumwe nubutegetsi iti:’ namwe musanzwe mutavuga rumwe nubutegetsi bwu Burundi mwirinde kuzohava mugirikintu gisanogushaka imbarutso yokugira iyo jonucide ibeho! atintimwiyibagizego nomurwanda ko jonucide ivurwa habanje kubaho imbarutso biciye mukwica umukuru wigihugu. Ndarangizamvuganti: abobatavugarumwe nubutegetsi barakuze barabonye canke barumvise icabanje gukorwa hanyuma jonucide iciraba, aborero batavugarumwe nubutegetsi nubwo ONU atacoyababwiye bashobora kuba bazi ibintu bibibagomba gukora mugihugu noneho bakabonako bizotuma bikwegera abarundi ibibi, nyabuna ONU urabura gushinga ijisho kurabonyene batavugarumwe nubwobutegetsi bwu Burundi. Habyarimana uwari perezida wu Rwanda mwamubwira gutezimbere ndemocratie abandinabo bariko bariga ukobagiye kumwica ndibaza muracavyibuka.

  • muragaragaye mukeneye kongera kwica abatutsi ndumiwe mubahe intwaro nkuko habyarimana yazihaya abahutu zikabananira kuzikoresha inkotanyi bakazibaka zikaba ari nazo zabirukankanye gushika muri congo mureke gato murebe uburyo izo ntwaro muha urwaruka ngo bazice abatutsi ;imana izabanza ikazibambura ikaziha abatutsi ndetse akabaha nubutegetsi mwibwira ngo muri benshi ariko ntabwo abahutu bose bemera ubwicanyi mureke gato mwitegure murebe ukuntu uwo mu president wikijuju wanyu agiye kuvaho nabi umuntu wiyita umu kristo aha abantu inkoho ngo bice abanyagihugu mureke imana izomwereka abatutsi bagiye kwisubiza ijambo twaiteguye cyane

  • Wewe wiyita npeter nagira ndakumenyeshe kwiciyunviro cawe atakanovera gifise,umuhutu wunomusi uramubwigwa ntawuzi,uramubona ariko ntumumenye,npeter nagira nkubwire ko umuhutu w,iburundi kwa tandukanye caaane numuhutu wo mugwanda.ivyifuzo vyawe vyokwifatira mugahanga umukuru w,igihugu ntaho bitaniye ninyifato yumuntu utarezwe.kwarivyo abtutsi muriko muritwaza,twebwe abahutu nabatutsi bumutima wokwubaka igihugu cacu.tuzosubira tumwizere nyakwubahwa Presidant NKURUNZIZA P,tuzoce turamba uwihenda agatanguza iyo ngwano muvuga,nagira nkwibutse ko twebwe abanyagihugu tumaze kwitorera president rimwe ryonyene,atawe dutumye,handitswe ko dutegerezwa kwitorera kabiri atawe turinze kwikorako.tuzomutora !!!.abatavyemeye turabe ico bazokora,hama natwe tugifashanye nabo,kowunva mwigize akagarama ruganda mugihugu,mwihaye intumbero yokwambikaibara abantu,ngo bahabwa ibigwanisho.iyo democratien mwihaye irarenze,yaho musigaye muyitwaza kugera yaho mutakigira nico mwibanga canke mwubaha,ikindi mwomenya ONU nibaza kwatariy,ABATUTSI gusa,ikindi siya OPOSITION gusa,namba noyo ifise aho ihengamiye,bitewe nababa bayiserukira muburundi.ntabwo iri kwubahiriza ishingano zayo ijejwe .nukuraba neza!!!!????.

  • @Nimutekereze ivyo ntimubipfe hari abajejwe kubiraba hanyuma umukunda naho yoba atari umukuru w’igihugu uzoguma umukunda ntangorane!Kndi ivyo vy’ibiringo nyamba utagiye i Arusha reka guta umwanya.Hari hakoraniye amakungu kandi vyatwaye uburyo bwinshi isi ntibazoreka abitwaza ikinyoma yaba opposition canke abandi ukuri kuzoja ahabona!Amoko nayo uyavuge buke ntawe userukira!

  • COPIE D’UNE LETTRE DES RESSORTISSANTS DE RUMONGE -NYANZALAC AU SECRETAIRE GENERAL DE L’ONU VOIR LE CONTENU QUE J’AI PU TROUVER:

    Communauté burundaise de Rumonge-Nyanzalac-Mabanda et Makamba
    CBRNMM en sigle

    A son Excellence Ban Ki-moon
    Secrétaire général de L’ONU
    UN Headquarters
    First Avenue at 46th Street
    New York, NY 10017
    USA
    Excellence le secrétaire général de l’ONU.
    Nous les rescapés des génocides au Burundi depuis 1972, nous les enfants qui ont grandis dans ces régions les plus convoités par les pouvoirs qui se sont succédés àBujumbura depuis l’indépendance, nous sommes sidérés d’entendre les mensonges très graves qui pèsent sur notre région et ces mensonges peuvent nous apporter la foudre des extrémistes et des assoiffés du pouvoir et de notre terre fertile.
    Tout a commencé avec les disputes entre le parti au pouvoir CNDD-FDD et son partenaire Uprona quand un groupe de travail a voulu restituer les terres aux propriétaires et descendants des gens de ces régions du sud au Burundi. Nous vous rappelons que c’est au cours des massacres de 1972 que nos pères ont été décimés et les rescapés se sont retrouvés en Tanzanie. Ils sont restés dans ce pays durant des années dans la pauvreté et la souffrance tandis que les tutsi de Mugamba, Vyanda,Bururi,Rutovu, sont venus occuper nos terres. Tous ce monde étant dans le parti Uprona depuis 1972 jusqu’en 1993, ils étaient protégés par le pouvoir militaire des Himas de Bururi. Pendant la campagne présidentielle entre Ndadaye Melchior du Frodebu (Front Démocratique du Burundi) et Pierre Buyoya de l’Uprona( Union du Progrès National) Les frodebistes chantaient qu’ils vont restituer les terres au propriétaires pendant la campagne présidentielle et cela était légitime. Cette promesse a été la cause de l’assassinat de Ndadaye Melchior car les militaires hima ne voulaient pas que les terres volées soient remises àqui de droit. La guerre civile a aussitôt éclaté entre ceux qui sont derrière l’Uprona et ceux qui sont derrière le Frodebu et c’est pendant cette guerre civile que le CNDD au départ (Conseil National de Défense de la Démocratie est né dirigé par Leonard NYANGOMA. Ce mouvement est devenu par après le CNDD-FDD (Conseil National de Défense de la Démocratie-Forces de Défense de la Démocratie dirigé actuellement par le président Pierre Nkurunziza.
    Pour arriver àce qui nous préoccupe, le parti UPRONA qui s’est disputé avec le CNDD-FDD, qui a dirigé le Burundi depuis l’indépendance en 1962, ce Parti qui n’a pas protégé les descendants familiaux et politiques du père de l’indépendance Louis Rwagasore, ce Parti qui est devenu un parti-état sous la première république dirigé par le génocidaire Michel Micombero depuis 1966, ce parti qui a organisé le génocide des hutus en 1972 àl’aide des militaires et de sa milice de la JRR (la Jeunesse Révolutionnaire de Rwagasore), ce parti qui a accepté par obligation le multipartisme en 1992, ce parti qui a soutenu directement et indirectement l’assassinat du président NDADAYE Melchior qui était élu démocratiquement par des tutsi et des hutus en juin 1993, ce parti qui a participé àl’épuration ethnique àBujumbura et àl’intérieur du pays pendant les 10 ans de guerre civile au Burundi, ce parti qui avait voulu saboter les élections de 2010 et qui a trompé la vigilance de ses partenaires de ADC-IKIBIRI en participant àla dernière minute àla campagne présidentielle de 2010, ce parti qui est partenaire chanceux du parti CNDD-FDD selon les accords d’Arusha, c’est ce parti dirigé par NDITIJE Charles un hutu qui travaille pour les Hima au sein de l’Uprona, il est entré dans l’opposition pour combattre le parti au pouvoir aujourd’hui après le limogeage du vice-président Busokoza Bernard. Comme tout le monde le sait bien, la politique est l’art de mentir et celui qui arrive àconvaincre son entourage, il peut porter un coup terrible àson adversaire. C’est ainsi qu’un plan de diaboliser le pouvoir a été élaboré et tous les coups sont permis. Nous les ressortissants de ces région fertiles du sud au Burundi (Minago,Rumonge,Nyanzalac,Mabanda,Kibago,Makamba) nous voulons porter àla connaissance de l’opinion internationale et nationale que nous faisons objet d’un chantage politique.
    En guise de rappel, l’Uprona en 1972 nous a accusé d’avoir reçu des machettes, distribuées par les hutus en 1972 pour exterminer les Tutsis. Cela a été une injure, une calomnie qui a déclenché le génocide de nos pères, nos mères, nos frères, nos sÅ“urs jusqu’au bébé encore dans les entrailles de leurs mères. Nos maisons ont été brûlées, nos palmiers incendiés et les rescapés ont été contraints de fuir en Tanzanie. Aujourd’hui, quand nous entendons des rapports qui arrivent dans votre bureau en venant du Burundi et qui vous décrivent que nous venons d’avoir des machettes, ce sont les mêmes individus qui nous ont endeuillés qui utilisent ce langage diabolique. Nous avons été paisible en 1993, 1994,1995 quand la guerre civile faisait rage dans tous les coins au Burundi. Nos voisins de l’Uprona au lieu de favoriser l’amitié et la solidarité, ils nous ont amené des sans-échecs, des sans capotes pour nous exterminer. C’est grâce au retour de la paix sous le gouvernement du CNDD-FDD dirigé par un président qui croit en Dieu, qui respecte la vie de ses citoyens que les burundais sont fiers. Cette fierté n’est pas apprécié par tout le monde, c’est pour cela que des mensonges sont inventées pour que vous n’ayez plus confiance aux actuels dirigeants du Burundi. Pour intéresser les militaires neutres et les Tutsis neutres, le terme "MACHETTES" peut réveiller leur mémoire de 1972 et les motiver pour venir encore une fois nous exterminer.
    Excellence le secrétaire Général de L’ONU Ba Ki-moon, notre inquiétude est fondé par plusieurs éléments. Dans le passé qui n’est pas lointain au Burundi, quand les nations-unis ont dépêché des enquêteurs pour identifier ceux qui ont assassiné le président NDADAYE Melchior et les tueries qui ont suivi, nous ne savons pas que vous êtes au courant que le rapport envoyé par les experts qui revenaient du Burundi n’était pas complet. Comme nos compatriotes le disent ouvertement dans des écrits, les militaires putschistes qui détenaient les informations de haut niveau n’ont pas été interviewés, les experts n’ont pas eu le temps d’aller poser des questions dans les quartiers périphériques des hutus et les témoins étaient sélectionnés par les militaires et les autorités sous l’influence du regard des putschistes. Aujourd’hui, le même scénario risque d’être identique. L’opposition a le premier mot, l’Uprona aile NDITIJE Charles a le premier mot, SINDUHIJE Alexis a le premier mot, ADC-IKIBIRI possède le premier mot et leurs écrits sont appréciés sans vérification et des conclusions sont élaborés hâtivement comme c’est le cas de ces mensonges de nous armer comme si c’était déjàprogrammé de porter la guerre dans notre région. Nous ne savons pas que c’est la haine de voir la guerre civile au Burundi apparaître et cette fois la commencer dans nos régions du sud dans le but d’accaparer nos terres qui nous restent militairement. Nous savons qu’hier des gens ont la rancune que la guerre civile a touché le nord et le centre en 1993 et cette fois-ci les assoiffés du désordre convoitent notre région. Nous demandons votre vigilance en collaboration étroite avec le pouvoir en place àBujumbura pour décourager toute personne qui cherche la guerre en inventant des mensonges gratuits contre le pouvoir de Bujumbura comme Ciramunda et ses satellites qui habitent en Belgique, des extrémistes tutsis qui manipulent l’opposition hutu de ADC-IKIBIRI.
    Pour la Communauté Burundaise de Rumonge-Nyanzalac-Mabanda et Makamba
    Bizuru Samuel
    Secrétaire Général.

  • Akahitiye?:ico womenya,nuko umututsi ncanke umuhutu mwari mwateguye kwica ntawe mucishe kuko naho bobaha za missile mwese umwumwe kuwundi ntana 1h yohera mutamaze gushoka ikigihugu kuwoba asigaye? Shimira arusha we?kuko iyoba atari arusha yokugabura ubutegetsi wibaza ko 8 abatusi bokwemera kuguma murakakajagari kanyu kaba DD heeeeeeee mbendakwibarize ko wanka abatustsi erega uragenda utagurire iwabo wa numero1 harimwo abatsi haa uri juju

  • Karikurubu,hahhaaa murafise ingufu zikomeye,na ba M23 niko bavuga,uze ubaze Makenga na Kazarama bazoguha temoignages,zirya nguvu zabakomboye ntaho zagiye nubu zirahari.Mias pole sana uraciyumvira mu kahise!!!

  • Hemwe basha abahutu na batutsi harico mukwiye kumenye ko intambara idatora ubwoko. Mbega kobavuga ngo nkurunziza ntasubire gutwara BUYOYA yatwaye ivyaka ingahe? Agenda agaruka. Ntimwabibona ga mwabatutsi?ko mutavuga ngonaveho ?canke nuko yariwe mwera kukwica abahutu?

  • Hemwe basha abahutu na batutsi harico mukwiye kumenye ko intambara idatora ubwoko. Mbega kobavuga ngo nkurunziza ntasubire gutwara BUYOYA yatwaye ivyaka ingahe? Agenda agaruka. Ntimwabibona ga mwabatutsi?ko mutavuga ngonaveho ?canke nuko yariwe mwera kukwica abahutu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.