Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU yahakanye ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigizwa inyuma
ONU yahakanye ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigizwa inyuma
samedi 16 Munyonyo 2013
Inama nkuru y’umutekano kw’ isi yanse gushigikira icipfuzo co kwegezayo urubanza sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikurikiramwo umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto.
Ingingo yo gutenyenya kuburanisha umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, n’ icegera ciwe William Ruto mu kiringo c’umwaka, yari yatanzwe n’Ubumwe bwa Afrika.
Abantu indwi mu bagize inama nkuru y’ umutekano, harimwo uwuserukira Uburusiya n’Ubushinwa, bashigikiye iyo ngingo.
Abandi umunani, barimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubwongereza, barayanse.
Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto bariko bakurikiranwa ku vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, mu gihe c’ubwicanyi bwabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007 mu gihugu ca Kenya.
Egide Nduwimana
Messages
16 Munyonyo 2013, 13:34, par Rita NAHIMANA
Jewe nibaza ko uwukoze ikibi yokibazwa naho gushigikirana mumafuti ntaco bimaze kuko ibintu biba muri africa yacu eka nyene vyosutenwa na bu russiya na chine kuko batwara nabo nka ba nya africa, umuntu rero akoze icaha nagihanigwe .
16 Munyonyo 2013, 14:56, par ibigoyemakungu
Ntago abanya frica aribo nkozi zibibi gusa huyu muntu akwiye ubudahangarwa akazajya munkiko mandaye irangiye. Babandi bakoze urudandazwa rwa banyafrica bashyikirizwe sentare
16 Munyonyo 2013, 15:31, par wanjiku
ijambo ryimana riravugango.Twubahe abayobozi. ntampamvu nimwe mbona yo kuzana imbere yintahe??. huyumuyobozi. ahubwo akwiye kurenganurwa ubutungane kuri bose. bahere kuri babandi bakoze urudadanza rwabirabure .kandi barakidendebya mumakungu
16 Munyonyo 2013, 15:31, par wanjiku
ijambo ryimana riravugango.Twubahe abayobozi. ntampamvu nimwe mbona yo kuzana imbere yintahe??. huyumuyobozi. ahubwo akwiye kurenganurwa ubutungane kuri bose. bahere kuri babandi bakoze urudadanza rwabirabure .kandi barakidendebya mumakungu
16 Munyonyo 2013, 20:31, par Kirinyota
Nibamubaze nyene, umuntu ntiyokwitwaza ubukuru bwiwe kugira ngo ubutungane ntibumukoreko. N’abandi bazoheza bagire ico batinya.
17 Munyonyo 2013, 19:10, par ibigoyeburundi
wowe wiyise. kirinyota . iwanyu iburundi. abarongoye. 1972, 1993. kuki batarashyikirizwa intahe??? abonabo baboneke.kuko habaye ubwicanyi bwibasiye inyoko muntu. ntago ariba special. gusumba abandi bayobozi
17 Munyonyo 2013, 19:10, par ibigoyeburundi
wowe wiyise. kirinyota . iwanyu iburundi. abarongoye. 1972, 1993. kuki batarashyikirizwa intahe??? abonabo baboneke.kuko habaye ubwicanyi bwibasiye inyoko muntu. ntago ariba special. gusumba abandi bayobozi
17 Munyonyo 2013, 19:45, par ibigoyemakungu
ONU.ishaka iki???ishaka M23 iyambura ibirwanisho. huyu muyobozi wa. kenya arenganurwe. kuko afisebudahangarwa !! abanyabyaha nibeshi
17 Munyonyo 2013, 19:57, par kurongora
Ahosi igeze! abantu dukeneye, liberte. ntamanza kuko nabakoze urudandazwa rwa birabure. ntibaragera imbere ya sentare wowe. kirinyota shaka amazi unywe
17 Munyonyo 2013, 20:04, par hawa
M23 izambura ONU. Iibirwanisho??????. kuberako huyumuyobozi. atasiga abana biwengo age muri sentare. ubudahangarwa kuri bose.
17 Munyonyo 2013, 21:14, par Mukagasana
ONU. igomba gukurinana umuntu ushaka kwivugana Gatsinzi Marcel. akazashyikirizwa sentare mpanabyaha kuko ibyaha byinyokamuntu byimonogoje. ntago bivugako umuntu ugiye muzabukuru ahinduka umunyabyaha. uwariyoboye umugi wa butare 1994. ninde.?????????????????. twanze akarengane