Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > ONU : Yahisemwo gukoresha ubuhinga bwa none mu kuraba itunganywa ry’amazi (...)
ONU : Yahisemwo gukoresha ubuhinga bwa none mu kuraba itunganywa ry’amazi kw’isi
samedi 9 Munyonyo 2013
Kugira abantu bashire ku muzirikanyi ikibazo c’ubukene bw’amazi kw’isi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ribicishije mw’ishirahamwe ry’ayo FAO risanzwe riraba ivy’uburimyi n’ubworozi, ryatunganjije agakino ka mbere kerekana ukungene, ubugaragwa bwugarije ibihugu biri mu ngorane.
Mu bintu vyose bidatunganijwe neza kw’isi yose, itunganywa ry’amazi riracari irya mbere ridatunganije neza kandi rituraba twese.«Vyari bikwiye ko abantu babimenya kuko abarenga imiriyoni 900 begwa n’ico kibazo badashobora kuronka amazi meza canke ngo baronke n’ayo kuvomera ibiterwa vyabo ku bw’ubugararwa bw’ugugarije ahatari hake », ibitangazwa n’ishirahamwe FAO. N’ubwo hari imfashanyo zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu FAO mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, gushikana amazi mu bibaza bitagira amazi, guhimiriza, atamfashanyo yo hanze ibonetse na cane cane ico kibazo c’amazi kidashizwe mu vyo kwihutirwa, ingorane y’itangwa ry’amazi ntizigera zitorerwa inyishu.
Kugira umugambi bihaye wo kugarukira ibikazo c’ubukene bw’amazi kw’isi yose ushikweko, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryafashe ingingo ryo gukoresha uburyo budasanzwe bw’itumatumanako amakuru biciye mu buhinga bwa none rica rihamagarira n’igisata Saatchi-Saatchi mu gufasha gushira mu ngiro uwo mugambi. Kuri ubwo buryo, Ishirahamwe ONU ribona itumatumanako amakuru rizogira ico rihinduye na rirya n’igisata Saatchi-Saatchi ryinshinze kurungika abakoresha ubuhinga bwa none mu kibanza n’abantu bari mungora bivuye k’ubukene bw’amazi.
Ubwo butumwa bwatanzwe n’ishirahamwe FAO kugira butahurwe, haratanzwe insiguro ku basanzwe bakoresha ubuhinga bwa none. Bakaba barabonye ukungene ubugararwa bushobora gutikiza buganahonya ibitari bike, yaba ku bitungwa canke yaba ku biterwa. Abakoresha ubuhinga bwa none bakaba barashoboye gutahura igituma ishirahamwe FAO ryipfuza kubona ibintu bikwiye guhinduka. Babaka baragerageje kandi kwishira mu kibanza c’abarimyi n’ubwo bo bokorera kubuhinga ngurukanabumenyi.
Mwokwibuka ko ikibazo c’ubukene bw’amazi be n’itunganywa ry’amazi ritameze neza canke ibihugu vyose vyo kw’isi, n’Uburundi burimwo. Kubw’ivyo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ribicishije mw’ishirahamwe FAO ryahamagariye ibiguhu vyose vyose vyo kw’isi kutirengangiza canke kutigira sindabibazwa mu gukemura ikibazo c’ubukene bw’amazi bwugarije abanyagihu.
Mariella Bukuru