Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Igipolisi cafashe ingingo ku bakozi bo mu nzu inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Igipolisi cafashe ingingo ku bakozi bo mu nzu inyuma (...)

Ouganda : Igipolisi cafashe ingingo ku bakozi bo mu nzu inyuma y’ihohoterwa ry’umwana muto

mercredi 26 Munyonyo 2014

Mu gihugu ca Ouganda , Igipolisi cafashe ingingo y’uko guhera ubu kugira umukozi wo mu nzu aronke akazi azobanza kwerekana igipapuro ( Certificat) kigaragaza ko yigenjeje neza nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi w’igipolisi Andrew Felix Kaweesi , inyuma yaho hagaragaye umwana w’amezi 18 yahohoterewe ubuzima n’umuyaya wiwe.

Haraheze iminsi, ibihumbi n’ibihumbi vy’abasanzwe bakoresha urubuga ngurukanabumenyi bahanahana amasanamu y’ivyashikiye umwana yitwa Arnella Kamanzi w’amezi 18, yahohotewe n’umuyaya wiwe yamurera mu kumubita bunyamaswa yongera amuhonyorako . Ayo masanamu akaba yashizwe kurubuga ngurukababumenyi n’umuvyeyi wiwe kugira yiyamirize ayo mabi yongere avunire akagohe abandi bavyeyi. Uwo muvyeyi wiwe yoba yarabonye ikintu kitagenda niko gushira icuma gifata amasanamu ari yo camera mu nzu, kugira arabe ibibera muri iyo nzu, mu gihe rero uwo mwana yaba yanse gufungura uwo muyaya wiwe w’imyaka 22 y’amavuka yaca amukubita bunyamaswa , hagera aho vyanka kwarira kubera umubabaro urenze agaca amuhagararako.

Nk’uko ayo makuru yari yahababuye abatari bake, mbere bamwe bakavuga ko uwo mwana yoba yaritavye Imana, amakuru ava ku mboneshakure y’igihugu c’ Ubuganda arahumuriza akavuga ko uwo mwana ari muzima.

Imboneshakure y’igihugu c’Ubuganda ikaba yerekanye uwo mwana ari kumwe n’abavyeyi biwe mu gatondo. Nk’uko biboneka mu masanamu y’iyo video, uwo mwana ameze neza. Andrew Felix Kaweesi , umuyobozi w’ibikorwa vy’igipolisi ca Ouganda, amenyesha ko ico gipolisi kigiye gukora amatohoza mu nyuma baze baheze bahe igipapuro ( Certificat) kigaragaza ko umukozi wo mu nzu yigenjeje neza, kugira uwo wese azoba yifuza gukoresha umuyaya canke umuboyi azomufate ari uko yabanje kumwereka ico gipapuro kigaragaza ko yagize inyifato nziza. Intumbero y’ico gikorwa akaba ari kugira ngo bashobore kwirinda kugira impanuka nk’izo ntizisubire gushika . Igipolisi cahamagariye kandi abanyagihugu kwerekana aho hose hashobora kwibonekeza ubunyamaswa nk’ubwo ku bana.

Tubamenyeshe ko uwo muyaya ubu afunzwe mu kurindira ko acibwa urubanza rw’icaha yagirizwa co guhakwa kwica umwana adakwiza imyaka 18(mineur). Arnella Kamanzi nawe bakaba baramuvuye ubu akaba ameze neza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.