Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Museveni yakomboye umukuru w’umugambwe akomokamwo
Ouganda : Museveni yakomboye umukuru w’umugambwe akomokamwo
jeudi 6 Ntwarante 2014
Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda amenyesha ko Yoweri Kaguta Museveni yakomboye umukuru w’umugambwe akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe akomokamwo, hamwe n’umushikiranganji wa mbere.
Nk’uko vyashikirijwe n’indongozi muvya poritike kuri uyu wa gatatu wa 5 Ntwarante, abo bahagaritswe mu mugambwe uri ku butegetsi n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Museveni, bahorwa kuba bari mubashaka kwitoza nk’umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu mwaka w’2016. Ivyo navyo umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni akaba atavyerekwa.
Richard Todwong, umukuru w’umugambwe mushasha amenyesha ko naho Amama Mbabazi w’imyaka 65 y’amavuka yahora ari kw’isonga ry’umugambwe uri ku butegetsi NRM (Mouvement National de Resistance) yirukanywe muri ayo mabanga, yagumanye intebe yahoramwo muri Reta y’Ubuganda.
- Amama Mbabazi
Richard Todwong yaje gusubirira uwahahora avuga ko we yarungitswe gutunganya ibikorwa vy’umugambwe nk’umunyamabanga mukuru gushika mu matora yimirije yo mu mwaka w’2016.
Amakuru yo kwizerwa ava mu kinyamakuru ca Reta y’Ubuganda "New vision" gisohoka ku munsi ku munsi, amenyesha ko uwo Mbabazi yakombowe mu mabanga yahoramwo, yari somambike wa Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1986.
Mwomenya ko Yoweri aheruka gutorwa ku mugaragaro mu mugambwe wa NRM kuzokwitoza nk’umukuru w’igihugu mu matora yimirije yo mu mwaka w’2016.
Mariella Bukuru
Messages
7 Ntwarante 2014, 06:27, par Tubirabe
M7 we ubwo ntiworeka ubutegetsi ukeneye kuguma urigikoresho cabo banyamerikamukwica no gusahura afrika.Uzopfa nabi ntimwipfuzaguhambanwa iteka nka Mandela.