Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Ni igiki catumye Iry Tina yambara umpuzu z’Intamba mu Rugamba mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ouganda : Ni igiki catumye Iry Tina yambara umpuzu z’Intamba mu Rugamba mu (...)

Ouganda : Ni igiki catumye Iry Tina yambara umpuzu z’Intamba mu Rugamba mu giteramo

mardi 16 Ruheshi 2015

Muri kino gihe biraboneka neza ko Iry Tina, umurundikazi aba mu Buganda, akomeje kwerekana ishusho nziza mu muziki akora w’Uburundi, atibagiye n’igihugu c’Uburundi yavukiyemwo.

Mu kiganiro Iry Tina yahaye ikimenyeshamakuru liveartburundi, yavuze icatumye mu giteramo citwa TROCX bari bamutumiye, yaje yambaye impuzu y’umurwi Nserukira gihugu Intamba mu Rugamba, yanditse igiharuro 10 isanzwe yambaye kizigenza w’Intamba mu Rugamba, benshi muzi kw’izina rya SAIDO NTIBAZONKIZA.

Avuga y’uko wewe yahisemwo kwambara Umupira w’umurwi nserukira gihugu w’igihugu c’Uburundi muri Concert ya TROCX yo gufasha impfumvyi zaho i Kampala. Iry Tina imbere yo gutangura kuririmba yagize ati :’’ Narabasiguriye ko uyu mupira nambaye ari w’igihugu c’amavukiro yanje nahawe na Captain wa Ekipe y’igihugu kandi nkunda cane. Nanje nayambaye kugira nifatanye na bene wacu i Burundi uyu munsi bataryama bivuye ku biriko birahaba, mbere aboneraho gusaba aba fans biwe bose gusengera Uburundi.

Ku kibazo c’uko umuririmvyikazi Iry Tina yoba afise umugambi wo kuzoguma yambara impuzu y’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Ruganda mu biteramo azokwama akorera ngaho i Kampala canke bamutumiye, yishuye y’uko kuri we ikintu cose adapfa kugikora, ahumbwo aba afise igituma kandi kijana n’imwanya waco.

Kurikira indirimbo ya IRY TINA ’’UKO WANGU-ZOUK’’


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.