Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe
Ouganda : Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe
lundi 4 Myandagaro 2014
Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe mu gihugu c’Ubuganda, naho bamwe bavuga ko vyoba bifitaniye isano n’aya nama itegekanijwe muri Reta zunzubumwe z’Amerika, ihuza ibihugu vy’ Amerika n’ Afrika, umukuru w’igihugu Yoweri Museveni we avyamirira kure.
Umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni arahakana ko ata sano riri hagati y’ihagarikwa y’iryo tegeko rihana abasangira ibitsina babisangiye yatumye mbere haba impari nyinshi mu makungu, hamwe naya nama itegekanijwe muri Reta zunzubumwe z’ Amerika ihuza ibihugu vy’ Afrika na Amerika, iyo nayo umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni akaba yarayitumiwemwo. Iryo tegeko rero ryari ryatowe mu kwezi kwa Ruhuhuma, ariko abatari bake mu basanzwe bafasha ico gihugu na cane cane Reta zunzubumwe za Amerika bararyiyamirije bivuye inyuma, mbere baranahagarika n’imfashanyo bahora baha ico gihugu. Mu kwezi kwa Mukakaro, Reta ya Obama yarafatiye ibihano ico gihugu, ndetse iranabuza ingendo zo mu gihugu ca Amerika.
Yoweri Museveni rero mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatandatu, yavuze ko yamaze gutegura kugenda i Washington. "Iryo tegeko rero ryahagaritswe ku munsi w’ejo hahise, ariko ryahagaritswe nari naramaze gutegura kuja i Washngton. Ivyo rero nta sano bifitaniye n’urwo rugendo rwanje."
Umwe mu pasitori Yitwa Martin Ssempa, umwe mu basanzwe barwanya bivuye inyuma ivyo guhuza ibitsina ku babisangiye, yiyamirije iyo ngingo yo guhagarika itegeko kubera ko igihugu kiremewe n’amakungu. Mbere abona ko ari uburyo bwo gushaka kwiyerekana neza mu makungu, imbere y’uko iyo nama ihuza ibihugu vy’ Afrika na Amerika itangura.
Floxella Karire
Messages
4 Myandagaro 2014, 12:58, par Willy
MBE KO YANKA KWEMERA KANDI TUZI KO YATINYE IBIHANO
IMFASHANYO NI IBINDI BOMUHA ARIKO UMWANA WUBWENGE AGAYA ARYA
NGICO ICO ARUSHIJE ABARUNDI
4 Myandagaro 2014, 14:14, par ntandaroyavyose
Ewe, nabaDD nabonene barava i Washington bemeye guhindura ingedo atarivyo naho ntibazosubirakubona ayo biba
4 Myandagaro 2014, 15:50, par burundi buhire
ese umukuru wa ba dd peter yovayo yemeye ko atazosubira kw’itoza.hamwe no kureka abantu bakigenga
4 Myandagaro 2014, 19:44, par UMWAMI
Zamuritondera ivyo mushikiriza ,kuko uburundi si ubuganda,reka rero kugereranya ibintu bidafitaniye isano!,ba mwubaha umukuru w’igihugu cacu kuko,numugabo w’abagabo.naho atokwitoza hariho abazitoza kw’izina ry’umugambwe kandi ico mwomenya n’uko CNDD-FDD itegerezwa gutsinda!.kabiri nka mbere basha!.