Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ouganda :Umuyaya yagirizwa guhohotera umwana yemeye icaha
Ouganda :Umuyaya yagirizwa guhohotera umwana yemeye icaha
lundi 8 Kigarama 2014
Umuyaya yabonetse ku masanamu ariko ahohotera akana k’imyaka hafi ibiri yarashinzwe kurera ,yiyemereye icaha yagirizwa, ico naco agashobora kugifungirwa imyaka igera kuri 15 .
Uwo mukozi yemeye ico caha co kumugirira nabi kuko n’amasanamu agaragaza ako kabi kabishe yagiriye uwo mwana kuko se w’uwo mwana yari yashizeho mu nzu ca Cuma gifata amasanamu akaba ariho bashoboye kubona ingene ahohotera ako kana k’agakobwa k’imyaka ibiri . Ico caha rero agashobora kugifungirwa imyaka igera kuri 15.
Tubibutse ko ayo masanamu yababaje abagiye bayaherekanwa ku rubuga ngurukanabumenyi. Muri ayo masanamu, uwo muyaya yitwa Jolly Tumuhirwe aboneka akubita amakofi akomeye uwo mwana ,amukororera hasi, atera uwo mwana imigere, akamuhonyora,amukubitisha itoroshi maze akamuvana muri salon uwo mwana ameze nk’uwataye ubwenge kuko bitari bigikunda n’uko arira.
Tukabibutsa ko uwo muyaya yavuze ko icatumye akora ako kabishe vyatumwe n’uko se yari ku mpfiro asaba abamukoresha amafranga yo kurungikira nyina kugira avuze se akamwima, ikindi nuko batari babanye neza na inabuja aho ngo yakunda kumutukagura amwagiriza ubusuma n’ibindi.
Floxella karire
Messages
8 Kigarama 2014, 23:25, par FIFI
Arko ga yemwe n’ibara nahanwe arabikwiy kand mu buganda ho ngra ubutungane buracizewe n’abanyagihugu!
9 Kigarama 2014, 09:51, par niyomale
jolly tumuhigwe igihano cimyaka15 kirarenze kandi yasavye imbabazi nibamupungurize bagire imyaka3 5 abavyeyi bumwana nabo nibatsinde ishavu bamutabarize kubacamanza muricocaha habemwo ivyiza kuruhande gwabamwe
9 Kigarama 2014, 12:17
Abavyeyi barakwiye kwama bavugana na abakozi babo kugira baganire ibazo bafise kugira babitorere inyishu!nayahandi abana baracafashwe nabi!ikindi naco nukumenya inyungu yuwundi utagaye icari!
9 Kigarama 2014, 13:52, par kigeme
Niyomale; uti 15 ni mike?????? mbega umuntu yubahuka gukubita umwana ata caha afise kurya yabikoze, ubona ari ibisanzwe??????Uwo muyaya nta mutima afise ni igikoko!ahubwo bari bakwiy kubanza kumugira kurya yagiz karya kana, aratomboye k bakuyeho igihano c’ukwica
11 Kigarama 2014, 09:54, par Nicolas
15 ans simyinsh ntaco kuvyo yakoze ahubw numwicanyi!!