Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PAFE imenyesha ko abarundi babandanya guhunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > PAFE imenyesha ko abarundi babandanya guhunguka

PAFE imenyesha ko abarundi babandanya guhunguka

jeudi 23 Mukakaro 2015, par Paterne

Igipolisi kijejwe urujanuruza mu kirere no kugenzura imbibe PAFE kimenyesha ko igitigiri c’abarundi bahunguka bava mu gihugu c’Urwanda babandanya kwongerekana.

Ibiharuro vyasohotse mu gatondo ko kuwa kane igenekerezo rya 23 Mukakaro vyerekana ko abarundi barenga 1200 aribo bajabutse urubibe bagaruka mu Burundi,baciye ku Kanyaru ya ruguru,abandi baciye i Gasenyi Memba no ku Ruhwa.
Muri abo,818 baciye ku rubibe rwa Kanyaru ya ruguru, 340 binjiye baciye mu Gasenyi Nemba, mu gihe 48 baciye ku Ruhwa.

Amakuru atangwa n’abakozi ba PAFE ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda amenyesha ko kuva kw’itariki 2 gushika kw’itariki 22 z’ukwezi kwa Mukakaro abarundi 7733 binjiye mu Burundi baciye ku Kanyaru ya ruguru, mu gihe 6478 binjiye baciye ku rubibe rwa Gasenyi Nemba.

Umuyobozi mukuru wa PAFE Jimmy Hatungimana amenyesha ko ibintu vyifashe ukwo, no ku bahungiye mu gihugu ca Tanzaniye, kuko nabo bariko barahunguka, ariko ko ibiharuro vyabahunguka bitazwi kuko abahunguka baca mu nzira zitazwi n’amategeko.

Mwomenya ko kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza, abarundi barenga ibihumbi 160 bahungiye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.