Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistan : Abantu barenga 70 bariko bahimbaza Pasika bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistan : Abantu barenga 70 bariko bahimbaza Pasika bishwe

Pakistan : Abantu barenga 70 bariko bahimbaza Pasika bishwe

lundi 28 Ntwarante 2016, par egide

Umurwi w’abarwanyi b’Abataliban bo muri Pakistan biyemereye ko aribo bakoze igitero cahitanye abantu barenga 70 kuri uwu w’Imana wa Pasika, mu karere ka Lahore.

Ico gitero cakozwe ku bakirisitu bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Pasika, umuvugizi w’abakoze ico gitero, Ehsanullah Ehsan, akaba yamenyesheje ko ibitero nk’ivyo bizobandanya.

Umuvugizi wa Reta ya Pakistan, Jehangir Awan, yamenyesheje ko abarenga 412 aribo bakomeretse.

Umuvugizi w’igisirikare, Asim Bajwa, abicishije ku muhora wiwe twitter yavuze ko batazokwihanganira abagizi ba nabi muri Pakistan.

Abayobozi batandandukanye hirya no hino kw’isi biyamirije ico gitero, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana abayobozi bakomeye mu gisirikare ca pakistan bakaba baciye bakorana kugira bigire hamwe ivyokorwa kugira abakoze ico gitero bafatwe.

Mu basize ubuzima muri ico gitero harimwo abagore n’abana benshi, kuko aribo benshi bari muri ako gace kakozwemwo igitero, bakaba bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Pasika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.