Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistan: icegera c’umukuru w’abatalibani yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistan: icegera c’umukuru w’abatalibani yishwe

Pakistan: icegera c’umukuru w’abatalibani yishwe

mercredi 29 Rusama 2013

Abategetsi ba Pakistani bamenyesha ko igitero co kwica icegera c’umukuru w’abatalibani cagizwe na leta zunze ubumwe za Amerika mu Buraruko bushira Uburengero bwa Pakistani.

Abantu batandatu bakekwa ko ari aba Talibani bishwe mur’ico gitero. Abategetsi ba Pakistani bavuga ko indege igenda itarimwo umudereva yateye ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa missile ku nzu iri mu Buraruko bwa Wazirstan, hafi y’ urubibe na Afghansitani.

Ico gitero kibaye ica mbere kuva muri Pakistani habaye amatora mu ntango z’uku kwezi.
Mu gihe co kwiyamamaza, umushikiranganji wa mbere yatowe Nawaz Sharif yari yasavye ibiganiro na Leta zunze ubumwe za Amerika kugira ikibazo c’ibitero vy’izo ndege za drones kirangire ku butaka bwa Pakistani.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.