Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani : Abantu 60 basize ubuzima mu gitero c’iterabwoba, abandi 160 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani : Abantu 60 basize ubuzima mu gitero c’iterabwoba, abandi 160 (...)

Pakistani : Abantu 60 basize ubuzima mu gitero c’iterabwoba, abandi 160 barakomereka

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi co muri Pakistani kimenyesha ko abantu 60 bishwe abandi 160 barakomeretswa na bombe yatewe n’umwiyahuzi ku bitaro biri mu gisagara ca Quetta. Aho ni mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani.

Abategetsi b’ivyo bitaro bamenyesha ko abarenga cumi muri abo bakomeretse bababaye cane kandi ko n’igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera. Benshi mu bapfuye ni abashingwamanza.

Ico gitero cabaye haheze umwanya muto cane abo bashingwamanza bari bahejeje gukoranira kuri ivyo bitaro, aho bariko biyamiriza kandi bibuka iyicwa ry’umukuru yari arongoye urwego rwabo yishwe kuri uwu wa mbere nyene n’abantu bataramenyekana.

Abamenyeshamakuru hamwe n’abafata amasanamu bariko bakurikirana iyo myiyerekano nabo bari mu basize ubuzima n’abakomerekeye muri ico gitero.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko akagwi k’intagondwa kiyonkoye ku batalibani muri ico gihugu ca Pakistani kitwa, Jamaat-ul-Ahrar (JuA) katangaje ko ariko kakoze ico gitero.

Umuvugizi wabo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ako karwi kagiye gukora ibindi bitero nk’ivyo mu minsi iri imbere.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika catangaje mu ndwi iheze ko ako kagwi ari umuhari w’iterabwoba.

Reta ya Pakistani, ibicishije ku muvugizi wayo, Kakar, itangaza ko ico gitero gikozwe mu kwihora ku bitero Reta ya Pakistani yari imaze iminsi ikora vyo kurwanya imihari y’iterabwoba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.