Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe

Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe

jeudi 3 Nzero 2013

Amakuru aturuka muri Pakistani aravuga ko umwe mu bayobozi b’intagondwa z’aba islamu, Mullah Nazir, yaguye mu gitero c’indege z’abanyamerika zitarimo umupiloti.

Abategetsi ba Pakistani batangaje ko uwo mugabo yahitanywe n’ibisasu vya misile vyarashwe ku muduga wiwe mu karere ka Waziristan yepfo, hafi y’umupaka n’igihugu ca Afghanisitani binakomeretsa n’izindi ntagondwa nimiburiburi zitanu.

Mullah Nazir yari yarakomerekejwe n’igisasu mu kwezi kwa 11 gishobora kuba caratewe n’ukutumvikana guke yari afitaniye n’abandi bayobozi b’abarwanyi b’intagondwa z’aba islamu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Pakistani aravuga ko uwo mugabo yari afise uruhara runini cane mu kurondera abarwanyi bagaba ibitero ku ngabo mpuzamakungu zirongowe n’abanyamerika muri Afghanistani


Marie Claire Ingabire

Messages

  • I’ve been reading your blog off and on for a while and rellay enjoy it! Had to comment LOVE that you’re sponsoring a child through World Vision! I’m running the Chicago marathon for World Vision on Sunday! It’s an amazing organization doing so many wonderful things!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.