Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pancrace CIMPAYE yandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pancrace CIMPAYE yandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Pancrace CIMPAYE yandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

dimanche 18 Nzero 2015

Umunyeporitike Pancrace CIMPAYE asanzwe ari umuvugizi wa ADC IKIBIRI mu mahanga, yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amusaba ko yova mu gacerere ku bijanye n’ugusubira kwitoza kwiwe. Muri iryo kete, uwo yahoze ari umuvugizi wa Domisiyano NDAYIZEYE akiri umukuru w’igihugu, yashikirije Petero Nkurunziza amakenga yiwe ko kubona abateye mu Cibitoke batavuzwe, bishobora guca vyegekwa ku runani ADC IKIBIRI.

Muri iryo kete (Lettre ouverte) ryandikiwe Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pancrace CIMPAYE amenyesha ko ibishikirizwa na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD boba bashigikiye ugusubira kwitoza kwiwe, aho akavuga nk’umushikiranganji Edouard NDUWIMANA, Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD n’icegera ciwe Yozefu NTAKARUTIMANA, bituma haba ukujuragiza abanyagihugu bashaka kumenya aho umukuru w’igihugu ahagaze ku vyerekeye ugusubira kwitoza kwiwe. Pancrace CIMPAYE ati : " Nyakwubahwa mukuru w’igihugu, mwaratakaje akanya keza ko gushikiriza aho muhagaze, mw’ijambo mwashikirije ku genekerezo rya 31 Kigarama 2014, ariko ntihararengerana ko muduhumuriza imbere y’impera z’uku kwezi kwa Nzero ." Pancrace CIMPAYE ahamagarira umukuru w’igihugu ko yohumuriza abanyagihugu bafise ubwoba ko yoba yafashwe n’ingwara y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, y’ukwigumiza ku butegetsi, kandi bahejeje ibiringo vyabo.

Nk’uko Pancrace CIMPAYE abandanya abishikiriza muri iryo kete, umukuru w’igihugu yari akwiye kutirengagiza akamo ka ADC IKIBIRI kamusaba ko yoshiriza ubutegetsi ku genekerezo rya 26 Myandagaro, umunsi ikiringo ciwe kizorangira. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasabwe kandi gutega amatwi ijwi ry’umukenguzamateka Richard Nimbesha, hamwe n’iry’umwepisikopi wa Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, bompi bamusaba kwubahiriza ibwirizwa shingiro ritegekanya ibiringo bibiri gusa ku burongozi bw’Uburundi.

Iryo kete rya Pancrace CIMPAYE rishikiriza kandi amakenga ku batavuga rumwe n’ubutegetsi bashobora kwegekwako igitero cabereye mu Cibitoke, mu nyuma bagatabwa muri yompi. Pancrace Cimpaye amenyesha ko kubona ubutegetsi bwaranse kuvuga abateye Uburundi, biboneka ko ari mu ntumbero y’ukubishira ku banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, aho agatanga akarorero ka Patrick Nkurunziza arongoye urwaruka rwa SAHWANYA FRODEBU na ADC IKIBIRI apfungiwe mu ntara ya Cibitoke kuva ku genekerezo rya 15 Nzero 2015, bikaba bivugwa ko yoba ariko ategekwa ko yovuga ko Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD ariwe arongoye abarwanyi baheruka gutera mu Cibitoke.

Pancrace CIMPAYE ahanura umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yokwicarana n’abanyeporitike batavuga rumwe nawe, bagahanahana ivyiyumviro vy’ingene amatora ahuza bose yotegurwa. Kugira azosubize ubutegetsi n’iteka, Pancrace CIMPAYE avuga ko umukuru w’igihugu yari akwiye kandi kuvugana n’abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, ingene abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo borekurwa, abanyeporitike bahunze igihugu bagatahuka, n’abakurikiranwa mu butungane bazira poritike bigahagarara.


Egide Nduwimana

Messages

  • burundi matatizo nugunsenga

  • umukuru wigihugu sebarundi niyumve ako kamo ave mugacerere

  • Pancrase namwe ni mutange uwanyu ivy’iwiwe bijejwe abo muri DD NAMWE NI MUTANGE UWO MU KIBIRI!

  • Mureke yitoze mumushakako iki (nigihagange)se wiwe yamuraze uburundi

  • Jw ndasaba Imana gusa igihugu cacu ntikibe nka côte d’ivoire kk urwaruka nigo rugira ingosane rero umukuru w’igihungu nab’umushintahe abushitse nka Président Pierre BUYOYA.

  • Pacrace Cimpaye uratayumwanya wawe wubusagose! Urigerawumva umurwi CNI ujejwe amatora urasaba amazina yabazokwitoza? Ukongera ukavugako igihe cogutanga abakandida kigombagihere CNDDFDD itaratanga umukandida? Iconokubwira igihe twakubona urigihangange cararenze kugerubu hariho numwana yarifise imyaka 10 yamavuka mugihe ca Ndadaye ubuyogukosora yisunze ivyasoma mubitabo nivyoyomva bivurwa kubijanye nakahise kuburundi. Jewe abahuntu murantangaza iyubonye umuntu mutagihuza ucubona ivyomugihuguvyose hofumahaza ikintu kikabiturira vyose bigahera kukobibonekera iyomwifatikanya nuwowese nubwomuba muziko arumwasiwanyu, kukondashaka kubibutsa perezida Bagaza baramuteye kudeta abatutsi nkawe ariko ntiyigeze ajakwivundagaza muri za Palpehutu ngobafatikanye nkandindaziko vyarikugiringuvu ariko ntiyabikoze kukoyariziko nubwobamuteye kudeta nabarundindinkawe kandiyariziko vyotebabigatebuka bakongera bagakorana ibikorwa bitezimbere igihugu, Nonentimubonako arikwarafatikanya nabaribamuteye kudeta mugukorera igihugu? Pacrace ndagusavye udukure urwamo mumatwi wabuzegufatuwomwanya kugirawandike wiyamiriza abaribateye igihugucawe none uwufashe uzagucuranguza umukuru wigihugu cacu!?. Ikindi ahokuvigako wiyamirize abateye Cibitoke ahubwo urikuratangura kwivugirango ntihazogire uwobitirira abobateye? Umusiwamatora uratevye kugera tubakurire inkoni kugizhitse murasesemye!.

  • Nukuri turacagukunda, nkurunziza,ariko shirahintahishize tubere mandela madiba.

  • Nagira yanditse ameza abasirikare bigihuguciwe baraye bakubise umwansi.

  • Mbe ko mutangura kwiyagiriza nibiki atawarabagiriza?wewe wari mucibitoke aho wumvise ko bariko bamubwira ngo yagirize sinduhije?ntubona ko nawe ahubwoi uzi abateye?ja mumenya kuvuga kuko imvugo yawe irerekana ubwoba ufitiye ababikozek kandi nawe ubizi.abateye bazoshengezwa bakubitweinkoni mugahanga hari abafashwebzovuga akari I Murore

  • - Amatora aba ataba , Peter ntazosubira gutwara , rero Pancrace CIMPAYE nareme
    - Peter ntashobora gutsinda amatora ativye kandi kwiba ntibigikunda, nivyo CENI yari yateguye vyose ni zero

    - Uwuzotwara 2015 wundi atari Peter arahari naho yoshaka akabivuga canke akabireka biramusha.

    - Ama dossiers nayo y’ubwicanyi , n’ubusuma amukwirikirana ico kibazo kizotorerwa umuti n’iyindi ntwaro igire ize

    - Abarundi rero nimureme kuko muminsi tugira twogorore ibintu bihinduke.

  • natange akarorero muri afrique bawabushimwe yaronka bwokumushira koyahinduye vyishi kugira azoronke nubundi koyatanze igihugu neza kandi azoba yiyambitse umutamana mumakungu

  • Naho CNDD-FDD ivuga Imana nikumunwa si mu mutima kko ivyo bakora bihushanye n’ivy’Imana ishaka. Genda urakagenda dd we!!

  • Commentaire

    Les hommes politiques risquent d’embarquer la population burundaise dans un bateau sans destination
    Ceux qui étaient dans la meilleure position de tir se tirent les positions sociales. La vérité n’est plus aujourd’hui le cheval de leur combat, les intérêts individuels dominent dans leurs pensées et beaucoup de chefs religieux gardent le silence et disent Amen alors que la population elle, assiste innocemment et souffre depuis la mort de leurs héros de l’indépendance et de la démocratie, respectivement le Prince Louis Rwagasore et Melchior Ndadaye. Toujours en lendemain qui déchante, les temps obscurs de confusion ont évolué depuis la période de l’indépendance où les nouveaux maîtres de l’Afrique sont devenus des blancs qui se sont cachés dans la peau noire. La vérité aujourd’hui, au lieu d’être une chulrigie doulereuse mais qui guérit, est devenue comme du sel dans la plaie des uns et des autres qui aspirent àla haute sphère politique du pays par n’importe quel moyen. Certains politiques et hommes de la société civile, àles entendre, croient s’adresser aux idiots en embellissant de mauvais actes, agissant par ruse et par mensonge.
    Aujourd’hui, bon nombre de paysans, de politiques, domestiques, religieux, médecins pour ne citer que ceux là, sont affamés de pouvoir et d’argent plus rarement de tendresse et d’amour. Cette folie qui nous détourne de l’essentiel fait que beaucoup d’intervenants dans les radios et télévisions reflètent la malédiction du pays dans leur langage. Les relations sociales sont menacées, l’économie avance en reculant, la population est ligotée par les divergences des politiciens et lient des relations courtoises. Nous sommes inconsciemment dans une dictature d’opinions diverses et devant nous, il y a beaucoup d’hommes en faible vision et qui ignorent la politique qu’ils jouent, ce qui risque de montrer le non su de leurs actes par eux-mêmes. Dans certains partis politiques, c’est un enseignement de dorme. L’absence de collaboration, écoute, transparence, concertation, dialogue, individualisation du mal, …créent l’antagonisme àl’intérieur et l’extérieur d’innombrables groupes sociaux, notamment les partis politiques et les religions. Beaucoup àl’intérieur de ces partis y vivent comment des animaux endormis et comme un peuple de l’ulcère, de la scoliose, risquant de mourir de l’absence de la liberté d’expression d’opinion. Leur supérieur hiérarchique est leur cerveau, on dirait dans des camps militaires. Mauvais présage, des tensions mortelles naissent àl’intérieur de grands et petits partis, des coalitions colériques contre le parti au pouvoir (CNDD-FDD), créent une grande confusion au sein de la population burundaise dont le choix de ses leaders risque d’être difficile. Un tel comportement risque de permettre la résurrection du monstre de violence et par conséquent la mise du pays àsang et àfeu. Nous sommes àla croisée des chemins et àla merci d’une probable guerre civile qui, visiblement, si les acteurs politiques ne font pas attention, emportera beaucoup de vies humaines soit avant, pendant ou après les échéances électorales de 2015. Au regard des tensions qui se s’observent au sein du parti au pouvoir, personne ne peut s’empêcher de dire que si cela ne s’arrête pas avant les élections, ça risque de causer l’échec total du CNDD-FDD ou d’être l’origine des tueries internes qui risqueront de gâcher tout et ouvrir la porte au fiasco, àla violence ou àtout aventurier dictateur de tenter àprendre le pouvoir. Quelqu’un disait un jour, que la dernière guerre prendra racine des conflits àlong terme des hutus qui n’ont pas su partager le pouvoir après avoir oublié leur passé. Depuis le maquis jusqu’àaujourd’hui, ils s’entredéchirent et laissent leur ancien ennemi commun se préparer àles liquider tous.
    Cette vie qui invite certains àdirent haut ce que les autres pensent bas, n’est ce pas le résultat de cette mort de la liberté d’expression d’opinion aux seins de beaucoup de partis politiques, religions, Associations, ONG, et Société Civile ?
    Pour sortir de cette confusion chaotique, les homes politiques, les chefs religieux, la société civile et les autres groupes sociaux dominants devraient se mettre ensemble et méditer sur leurs conflits qui mettent en danger la vie des Burundais dans l’objectif d’éviter les guerres civiles répétitives. Ici, pour ne pas dire ARUSHAII, mais tout simplement voir comment le pays ne retombe pas dans la violence.
    Elidad KABURA

  • Aho mwemwe muraho burundi mwiyumvira ko arimwebwe mufita ubwenge ?muribaza ko mwirimye?nimba ivyo mubizi nimwubahe imana mukoreshe ukuri nkuko imana ibibasaba

  • MUTAMBA MUGARANYE!!!!!!!!!!!!!!!!! MUTAMBA MWUBANYE!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! PITER TAZOTWARA MANDAT YAGATATU.

  • naveko harageze tuzomushimira ivyoyakoze vyiza ibibi azobibazwa nubutungane

  • Jewe Nibaza Ko Pancrace Cimpaye Yohunguka Akaza Mu Gihugu C,amavukiro Akareka Kuguma Asaba Ibidashoboka.Ahubwo Naze Akinire Politique Mu Gihugu C,amavukiro.Jewe Ndavuze Ndagiye.

  • Jewe Nibaza Ko Pancrace Cimpaye Yohunguka Akaza Mu Gihugu C,amavukiro Akareka Kuguma Asaba Ibidashoboka.Ahubwo Naze Akinire Politique Mu Gihugu C,amavukiro.Jewe Ndavuze Ndagiye.

  • Jewe Nibaza Ko Pancrace Cimpaye Yohunguka Akaza Mu Gihugu C,amavukiro Akareka Kuguma Asaba Ibidashoboka.Ahubwo Naze Akinire Politique Mu Gihugu C,amavukiro.Jewe Ndavuze Ndagiye.

  • Jewe Nibaza Ko Pancrace Cimpaye Yohunguka Akaza Mu Gihugu C,amavukiro Akareka Kuguma Asaba Ibidashoboka.Ahubwo Naze Akinire Politique Mu Gihugu C,amavukiro.Jewe Ndavuze Ndagiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.