Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Benedigito wa 16 Yafashe Ikiruhuko
Papa Benedigito wa 16 Yafashe Ikiruhuko
vendredi 1er Ntwarante 2013
Iryavuzwe ryaraye ritashe papa Benedicto wa 16 yaraye atanze imihoho mumabanga yo kurongora ekleziya gatorika nkuko yari yabimenyesheje kuwa 11 ruhuhuma 2013. Ubu rero intebe yiwe ikaba igaragara gushika hatowe umusubirizi wiwe.
Kur’uyu wa 28 ntwarante umwaka w’2013 inyuma y’umutaga niho Papa Benedigito wa 16 yashikiriza amabanga yiwe yo kurongora ekleziya katorika nkuko yari yarabimenyesheje. Yaramaze imyaka hafi umunani murayo mabanga akaba kandi umu papa wa mbere yikuye murayo mabanga haraheze imyaka amajana atandatu (600) muri ekleziya katolika.
Imbere yuko asubiza amabanga, papa yaciye abanza kugara umurongo wa internet yakoresha kuri twitter. Imbere yo kuyugara yabanje kuyikoresha mugutanga ubutumwa yashikirije abayoboke ba ekleziya katoriko aho yavuga ko abashimiye k’urukundo n’ukwitanga berekanye mugihe yarakibarongoye, ati muvyishimire binatume mushira kristu imbere ya vyose mu buzima bwanyu bwa misi yose.
Mu kwezi kwa kigarama umwaka uheze wa 2012, yabaye umu papa wambere mukugurura umuhora umufasha kushikirana n’abemera uwo muhora ukaba watumye abantu barenga imilioni amajana atanu(500.000.000) bashobora gukurikira ibikorwa vyiwe. Amaze gufata ikiruhuko kubera ubusaza, ubu akoresha umuhora wa wa twitter witwa papa Emeriyus nayo umuhora yahorana wahinduye izina ubu ukaba witwa sede vacante nukuvuga intebe igaragara gushika habaye inama y’aba cardinali bazoshiraho umusubirizi wiwe. Uwo nawe azoba atowe azoheza amenyeshe ko azokesha uwo muhora wa twitter canke azoshiraho uwundi muhora wiwe.
Papa Benedigito wa 16 akaba aruhukiye ahitwa"Castel Gandolfo", hafi ya Roma akaba yemeza ko azoguma yubahiriza uzomukorera mungata.
Reverien Bazikamwe