Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Benedigito wa XVI yamenyesheje ko azotanga imihoho
Papa Benedigito wa XVI yamenyesheje ko azotanga imihoho
lundi 11 Ruhuhuma 2013
Papa Benedigito wa XVI,umwungere wa Ekleziya katolika yamenyesheje ko azotanga imihoho kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ku mvo z’amagara yiwe .
Nk’uko yabimenyesheje,ngo amaze kwiyumvira n’ubwenge bwiwe bwose imbere y’Imana incuro zitari nke avuga ko atagifise inguvu zikwiye kuko zigenda ziragabanuka uko iminsi igenda, nawe nyene atera asaza, abona ko atagishoboye kurangura neza amabanga yiwe yo kurongora Ekleziya katolika.
Ngo arazi ko ibanga ryiwe ategerezwa kurirangura abicishije mw’ijambo ry’Imana hamwe no mu bindi bikorwa bijanye n’imibabaro no gusenga. Muri ino minsi hari ibintu vyinshi vy’inkora mutima bisaba ko umuntu akomera mu mpwemu no mu mubiri, ngo kubw’ivyo muri ino minsi arabona ko umubiri wiwe ata nkomezi ugifise ku buryo atagishoboye kubandanya ibanga yiyemeje.
Tubibutse ko Papa Benedigito wa XVI yari yinjiye muri ayo mabanga igenekerezo rya 19 Ndamukiza umwaka w’2005 akaba yamenyesheje ko azotanga imihoho igenekerezo rya 28 ruhuhuma uno mwaka.
Papa Benedigito wa XVI niwe mu Papa wa mbere w’umudagi yabonetse inyuma y’igihe cababa ikimpumbi
Grace Irimbere
Messages
11 Ruhuhuma 2013, 08:18, par kok
OOOOhhhhh! birababaje peeee!!!
11 Ruhuhuma 2013, 08:32, par umwana
gusaza si vyiza gusa ntivyoshoboka ko umuntu ahagarike gukura. Imana twizeyeko izoduha undi murongozi mwiza abereye.
11 Ruhuhuma 2013, 08:42, par umwana
mu minsi iza nzoba Papa nanjewe!