Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francois asaba abayoboke ba katorika i Buraya kwakira abimukira
Papa Francois asaba abayoboke ba katorika i Buraya kwakira abimukira
lundi 7 Nyakanga 2015
Umwungere w’ishengero rya katolika, Papa Francois, ahamagarira abayoboke b’ishengero katolika ku mugabane wa Buraya wose,gufasha mu gutorera inyishu ikibazo c’abimukira.
Papa Francois yasavye ko amaparuwase yose, ahabera amasengesho hose n’ahandi hose ku mugabane wa Buraya hari abemera, kwakira umuryango w’abimukira.
Yavuze ko paruwase zibiri z’i Vaticano mu Butariyano zikwiye gutanga akarorero mu kwakira imiryango ibiri.
Mu gihugu ca Israel, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yanse ivyasabwe n’abatavuga rumwe na Reta ,aho basaba gutanga ubuhungiro impunzi ziva mu gihugu ca Siriya.
Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel itirengagiza umubabaro w’abimukira, ariko ko igihugu ari gito cane kugira gishobore kubakira.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Nyakanga 2015, 09:40, par jei
isilael nibakire yerekane gwarukundo yesu yakunze abarimwisi, ubonako yanavukiye ahonyene,babafashe mwuyo mubabaro barimwo, hama izongorane silia irimwo ibihugu nibihagurukire rimwe bihagarike iyontambara yaba abayigwanya bamenye kokizira kwica imbere yimyaka 200 ntanumwe azobaharimwabo,bareke gusiga umuvumo.
8 Nyakanga 2015, 09:48, par AMAHORO
ICO CIYUMVIR NI CIZA BOGERAGEZ BAGAFASHA ABO BIMUKIRA KUKO SIB BAVYITEY