Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Papa Francois yemeje kugendera Ubuganda mu mpera z’umwaka
Papa Francois yemeje kugendera Ubuganda mu mpera z’umwaka
dimanche 14 Ruheshi 2015
Umwungere w’ishengero katorika kw’isi Papa Francois, yemeje ko azogendera igihugu c’ Ubuganda mu kwezi kw’11 uyu mwaka.
Radiyo Vatican yatangaje ko Papa Francois yemeje ko azogendera Ubuganda n’igihugu ca Centafrique mu rugendo azogira muri Afrika muri Munyonyo, ndetse akaba ashobora kwongereza ibihugu azogendera harimwo na Kenya.
Urwo rugendo ruzoba rubaye urwa mbere Papa Francois azaba agize ku mugabane wa Afrika kuva atanguye kurongora ishengero Katorika.
Iyi nkuru Papa Francois yayitangarije mu mwiherero Mpuzamakungu w’Abasenyeri n’Abapatiri hamwe n’Abadiyakoni bavuye mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.
Papa Francois yimitswe mu mwaka w’ 2013,inyuma y’aho Papa Benoit wa 16 ,uwo yasubiriye atangiye imihoho.
Messages
14 Ruheshi 2015, 12:51, par Eric
turamuhaye ikaze
14 Ruheshi 2015, 12:52, par Eric
turamuhaye ikaze
14 Ruheshi 2015, 18:27, par Uwakera
Muvyo azokwongerako ntaze yibagire UBURUNDI bwa nyaburunga!
14 Ruheshi 2015, 19:34, par LEONARD
TURAMUHAYE IKAZE MURI AFRICA. MBEGA MU BURUNDI HOHO NTAZOHASHIKA UYO MUVYEYI?
14 Ruheshi 2015, 21:16, par audace
we welcome him in our region
14 Ruheshi 2015, 22:23, par gsgsgsggsgs
TURAKWINGIZE MUVYEYI UZE UGENDERE N UBURUNDI KUKO TUBANGAMIWE NA VYINSI ,,, TURABONA KO MWAHUJE Etas Unis na Cuba,, Muriko muhuza kandi Israel na palesitina,,, muriko muha agateka abanya armeniya,, abanya Bosiniya,, None Ni muze ni Burundi,, nukuri mudutabe,,abarundi dusubire kugira iteka,,,,Kandi nyakubahwa uva i bugande uza i burundi ni isaha imwe gusa nindege,, naho mwohamara nka 2h,, Imitima yabarundi tworuhuka,,
15 Ruheshi 2015, 07:05, par Sebastien Nahimana
Kaze muvyeyi w’Imitima muri Africa tuguhaye ikaze. Turakwinginze natwe mu Burundi udushire kumuzirikanyi ,uzotugendere. Amen
15 Ruheshi 2015, 07:23, par Niyonzima Alphonse/ Nyamasheke/ Bushekeri
Eseyaje Nomurwanda Akirebera Amahoro Numutekano Dufite Imana Yatwihereye
15 Ruheshi 2015, 09:39, par gsgag
aze iburundi mureke kumushuka ehhhhh imbonerakure zimwereke reka reka umushumba yigire ahandi
16 Ruheshi 2015, 14:34, par PAUL BIZIMANA
MUVYEYI NUKURI NATWE INIBURUNDI TURAKUNYOTEWE KAZE MUDUSIGIRE IMIGISHA.EEEEEWEJEWE MUGOMBA MUDUKURE MUBANDI.KAZE NATWE IWACU IBURUNDI.
16 Ruheshi 2015, 15:54, par Emma Gikoro
Turakwinginze. Muvyeyi w’imitima. Ushike haniwacu wirabire. Ingene imitima yaba kristu iruhijwe. Nubwicanyi atacobwibanga baba abato abakuze Bose dusigaye umengo turimpene yicwatacamira
16 Ruheshi 2015, 20:04, par CLAUDINE
TURIFUJE KOYOSHIKA MUBURUNDI MBE ARASHOBORAKUHASHIKA? TURIPFUZA KO YOHASHIKA AKADUHA IMIHEZAGIRO
16 Ruheshi 2015, 20:05, par CLAUDINE
TURIFUJE KOYOSHIKA MUBURUNDI MBE ARASHOBORAKUHASHIKA? TURIPFUZA KO YOHASHIKA AKADUHA IMIHEZAGIRO
17 Ruheshi 2015, 08:11, par Nzambimana.Prosper
Pita.Nkurunziza.