Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Fransisko yagendeye abimukira bo mu Bugiriki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Fransisko yagendeye abimukira bo mu Bugiriki

Papa Fransisko yagendeye abimukira bo mu Bugiriki

samedi 16 Ndamukiza 2016, par egide

Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gatorika yagendeye izinga rya Lesbos mu gihugu c’Ubugiriki, mu ntumbero yo kwerekana ko yifadikanije n’abari mu bibazo bagerageza guhungira ku mugabane wa Buraya.

Papa Francisko aragendera kandi kuri uwu wa gatandatu ikigo giteye bwa bohero abahunga bapfungirwamwo mu kurindira gufatirwa ingingo.

Nk’uko tubikesha BBC, abajejwe gutanga imfashanyo bavuga ko ubuzima muri ico kigo butameze neza na gato.

JPEG - 30.3 ko
Papa Francisko yakiriwe n’umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras (hagati) n’umukuru w’aba Orthodox, Patriarch Bartholomew

Papa Fransisko araza kandi guhura n’abana bo muri iyo kambi bahunze batari kumwe n’abavyeyi, imbere yo gufata umunota w’agacerere mu kwibuka abapfiriye mu nzira bajabuka Mediterranee.

Igihe yafata indege ava i Roma, Papa Fransisko yabwiye abamenyeshamakuru ko urwo rugendo rwiwe rwerekeye ico yise "inzira ibabaje".


IGIHE

Messages

  • VREMENT,PAPANIUMUNTU.MWIZA.ASURA,ABANTU

  • oya!igihe agiye muri kenya yavuzamajambo ku burundi numva ndababaye nkaca mbona ngoyagoye ayo yavuze na simon ntamwana oyaaa!bakorana na europe kuko niyo gatolika ikomokako kandi baraterera amafranga muri erope na onu boreka kugendera kumateko yabo?cubwenge barundi mwese je ndumukorezi igitega muri paruwase mushasha,ariko abapatiri nabasenyeri ivyobakora ntabwo bijanye n’Ijambo ry’Imana,murakoze.

  • GATORIKA NTIKORIVYIMANA KIRETSE POLITIKE,HAMWE NUGUTEGURA INTAMBARA BAFADIKANIJE NA UNI,HAMWE NIBIHUGU VYA BULAYA NA AMERIKA.NINACOGITUMA ABO BANGOYAGOYE BAGWANYA LETA KUKO BADASANGIYIVYIYUMVIRO.

  • GATORIKA NTIKORIVYIMANA KIRETSE POLITIKE,HAMWE NUGUTEGURA INTAMBARA BAFADIKANIJE NA UNI,HAMWE NIBIHUGU VYA BULAYA NA AMERIKA.NINACOGITUMA ABO BANGOYAGOYE BAGWANYA LETA KUKO BADASANGIYIVYIYUMVIRO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.