Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa yahagaze cane ku turere turimwo intambara mu kuninahaza (...)
Papa yahagaze cane ku turere turimwo intambara mu kuninahaza Noel
jeudi 26 Kigarama 2013
Mw’ijambo ryiwe yashikirije abakirisu ku munsi wa Noel, umwungere wa Ekereziya Katorika Papa Francisko yagarutse cane ku turere dusinzikajwe n’intambara, muri iyi minsi.
Mu gihe ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 25 Kigarama, isi yose yariko ihimbaza ivuka ry’umukiza yezu Kirisu, Papa Francisko mw’ijambo ryiwe yahagaze cane ku turere dusinzikajwe n’intambara. Yasavye impande zihanganye muri Syria kureka imfashanyo igashikira abayikeneye. Papa yasavye kandi ko indwano yo hagarara muri Sudani y’Epfo. Yasavye kandi abategetsi batandukanye bo kw’isi kwibanda cane ku kibazo co muri Centre Afrika, avuga ko ico gihugu cirengagijwe kenshi.
Papa Francisko abandanya avuga kuvyerekeye amajana y’abimukira babanya Eritreya basomye nturi bashitse ku nkengera z’Ubutariyano kw’izinga rya Lampedusa mu kwezi kwa Gitugutu, yavuze ko ahagaritswe umutima n’abashira ubuzima bwabo mu mazi bibaza ko bariko barondera ubuzima bwiza.
Floxella Karire
Messages
27 Kigarama 2013, 20:25, par KAZUNGU
PAPA NABANDI BATEGETSI BATWARA ISI BAKWIYE KUMENYA KO IBIGU BIMEREWE NABI GUSUMBA IBINDI ATARI IBIRIMWO INTAMBARA GUSA.INTWARO MBI ISUMBA INTAMBARA KUBAZA.KUMUTIMA NUMUBIRI INTAMBARA NINTAMBWE ABABAYE NABI BABA BATEYE.KANDI BABE BIBUKA CANE IBIHU BITO KANDI BIKENY NKUBURUNDI.