Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Parake nshasha ijejwe ubutunzi nirwanywa ry’igiturire mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Parake nshasha ijejwe ubutunzi nirwanywa ry’igiturire mu Bufaransa

Parake nshasha ijejwe ubutunzi nirwanywa ry’igiturire mu Bufaransa

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Umukuru w’igihugu c’ubufaransa yamyesheje ingingo zishingwa rya Parake nshasha ijejwe ubutunzi hamwe n’urwego rukuru rwigenga rujejwe gukurikirana ubutunzi n’inyungu z’abashikiranganji n’abandi bategetsi ba Leta.

Inyuma y’iminsi 8 gusa, Jérôme Cahuzac, umushikiranganji yarajejwe amahera ya Leta y’ubufaransa ikoresha ku mwaka atanze imihoho kubera ivyerekeye ubunyonyezi yagirijwe hamwe n’ikinyoma yabeshe imbere y’inama nshingamateka. François Holland, inyuma y’inama nshikiranganji yabaye kuruyu wa 10 Ndamukiza, yamensheje ko hagiye kuba porokorere y’igenga ajejwe gukurikirana ubutunzi bwabategetsi bo mu gihugu cose harimwo n’abashikiranganji.

«Ugukorera k’umugaragaro bitera iteka, amabwirizwa agenga ibijanye n’ubutunzi bw’abategetsi ba Leta agiye gusubirwamwo yose guhera mu mizi », ivyo bikaba arivyo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yashimikiyeko.

JPEG - 9.3 ko

Izo ngingo zije nk’inyishu ku myidogo imaze iminsi inyuma yivyashikiye Cahuzac. Umukuru w’igihugu yongeyeko ati : umutegetsi mukuru y’igenga agiye gushirwaho. Azoba ajejwe gukurikirana n’ imenyekanishwa ry’ubutunzi bw’abategetsi imbere yuko baja mu mabanga y’igihugu n’inyuma yo kuva mu mabanga».


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.