Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Abamenyeshamakuru ntibakwiye kubazwa uwabahaye inkuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Abamenyeshamakuru ntibakwiye kubazwa uwabahaye inkuru

PARCEM : Abamenyeshamakuru ntibakwiye kubazwa uwabahaye inkuru

mardi 27 Nzero 2015

Mw’ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, bariyamiriza ifungwa rya Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo RPA, mbere basaba ko ubutungane bwokwikubita agashi bukamurekura atakirinze gusabwa kuko ku bwabo yakoze akazi kiwe neza.

Amashirahamwe atari make abandanya kwiyamiriza ipfungwa ry’umumenyeshamakuru akongera akaba n’umuyobozi w’iradiyo RPA, Bob Rugurika. Nk’uko yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, asaba abashingamateka gutumako abajejwe umutekano n’amatohoza kugira bisigure ku bwicanyi bwama buba ariko ababikoze ntibamenyekane. Faustin Ndikumana yibutsa abamenyeshamakiuru ko gukingira ababahaye inkuru ariyo nkingi y’umwuga wabo ku bwiwe ntibahirahire gutangura kuvuga ababaha inkuru n’ayahandi ho boca bashaka bakugara ibinyamakuru vyabo.

Ku cerekeye ikibazo ca Bob Ruguruka umuyobozi wa RPA amaze indwi yose apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya yagirizwa ivyaha bitatu bijanye n’inkuru yatanze ijanye nabwa bwicanyi bw’ababikira batatu b’abataliyano, ku bwiwe Bob Rugurika yarakoze akazi kiwe neza, Faustin Ndikumana akavuga ko impera yiwe itari kujanwa mw’ibohero ahubwo ko yari gushimirwa.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana asaba ubutungane ko bwokwerekana ko bwigenga, Bob Rugurika akarekurwa atakirinze gusabwa.


Floxella Karire

Messages

  • Uyumuntu ngo numukuru wa PAECEM? Umuntuyubahuka akavugako uwahawinkuru numuntu ahejeje kwica ababikira akongera akanamuhindaro ngokuvuga uwomwicanyi ngobizibavyerekanyeko bopfuma biroewra kwongera kubabamenyeshamakuru!?.

  • Ahubwo nimba aruko bimeze abo banyamakuru bakwiye gusubira kwishure bakiga.nibijuju bose.nonegmwabanyamakuru mwe,murwanya Leta?nimubishire kumugaragaro bimenyekane.iyo utavuga aho wakuye inkuru,uyivugira iki?mukwiye ahubwo rero kukaziba

  • Ww nuwera banza umenye kwandika ikirundi ninaho womenya gutahura nivyumuntu abayandits hama nawenimburimwomubishe barya batumwa b’Imana iminsi yanyu irikurushi uryamuntu mwakoreshej mukubica ubu agez kwa nyenubweranda Papa ubukuri kwos kurahagaragara umwanya numwanya intah mpuzamakungu irabakubita mugahanga mutitwaj ngo muraba cndd fdd yoyo ntikoreshwa nabo bacamanza mwishiriyeho nkinkingi zanyu

  • @ Edmond , ndagusavye uzurareka gusoma ivyonanditse canke usabe banyene ikikinyamakuru ntibasubire kurekura ivyonanditse kubera biriko biraguhungabaniriza umutekano. Ikindi nimba uryamwicanyi mwamurondereye uburyobwokuja gufunvirwa mungihugu cuwo nyirubutungane wavuze hagufungirwa Burundi, ivyontakibazo igihano nigibano kandi final yiwe niharyamwakiryagihugu yamenyemwo amarasonyene kiretse yiyahuye ndabikubwiriyengaha rindiragato gusa uzobumbarira.

  • aruko hoho abicanyi bazohora bica baca bigira kwinyegeza muma radio ahahah bamushigikira mugire aho mugarukira ntanahamwe kwisi umuntu yogandagura abantu bakihoza uwavuze ko azi aho ari

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.