Accueil > Ubutunzi > Iterambere > PARCEM : Amafaranga Reta irondera ku tagisi rya 42 ku munota ishobora (...)
PARCEM : Amafaranga Reta irondera ku tagisi rya 42 ku munota ishobora kutayaronka
vendredi 9 Nzero 2015
Ubutunzi bw’igihugu muri rusangi bugiye kugabanuka bitumwe narya tagisi rishasha rijanye n’ivyo gutumatumanako amakuru ry’amafaranga 42 ku munota Reta iherutse gushinga. Muri PARCEM bamenyesha ko Reta izohahombera kabiri ku ruhande rw’amatagisi atangwa no ku ruhande rw’arya tagisi riva ku nyungu.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, Faustin Ndikumana asigura ko ingaruka zishobora kuba nyinshi yaba kuri ayo mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru, kuri Reta no ku baguzi ubwabo na cane cane nko mu rudandazwa. Zimwe mu ngaruka avuga n’uko abasanzwe bakoresha iyo mihora bazogabanya uguhamagarana, imitahe (chiffres d’affaires) y’ayo mashirahamwe izogabanuka kandi atahinduye uburyo yari asanzwe akoresha yaba mu kubaho kwayo kwa minsi yose, uguhemba abakozi n’ibindi. Vyumvikana ko ari agahombo kanini nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abimenyesha, mbere akavuga ko bishobora no gutuma ayo amashirahamwe agabanya abakozi, ubushomeri bugaca busaba indaro.
Igihe rero akunguko k’ayo mashirahamwe kagabanutse narya tagisi riva ku nyungu "impôts sur les bénéfices", vyumvikana ko rizoba rike nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza. Reta rero izohahombera kabiri ku ruhande rw’amatagisi atangwa hamwe no ku ruhande rw’arya tagisi riva ku nyungu. Faustin Ndikumana avuga kandi ko atawokwibagira kandi n’igiciro umunyagihugu agiye kuzoriha mu guhamagara, mu gihe yugarijwe n’ubukene.
Faustin Ndikumana akavuga ko bitangaje ingene Reta iguma iduza ayo matagisi kandi yari ifise ahandi yokura amahera nko mu gisata c’ubutare, uburusho butangwa mu buryo butaribwo, canke kuraba ahandi yokura amatagisi hamwe no gukomeza intwaro ibereye kugira imfashanyo ziba zemewe zishobore kuza ku rugero rwiza. Ishirahamwe PARCEM risaba ko Reta yokwisuzuma igakomeza intwaro ibereye, ikagwanya igiturire, amahera akinjira, n’imfashanyo zikaza.
Mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko batangazwa kandi ukuntu igiciro c’igitoro kigabanuka ariko ugasanga Reta ica iduza ayandi matagisi yari yarahevye kandi abanyagihugu baba biteze ko bagiye kuharonkera akoyokwe. Ku kibazo cerekeye igiciro co kwiyunguruza kitagabanutse n’ubwo igitoro cagabanutse kw’isoko mpuzamakungu, Faustin Ndikumana atanga insiguro ko Reta yoba yaretse kubabwira bagabanye kumbure kuko nabo hari igihe igiciro c’igitiro cagiye kiduga ariko nabo ntibaduza.
Tubamenyeshe ko ivyo ishirahamwe PARCEM ribishikirije inyuma yaho Reta ishize mu nteguro nshasha y’amafaranga izokoresha muri uno mwaka w’2015 itagisi rishasha ry’ivyo guhamagarana ry’amafaranga 42 ku munota. Ivyo navyo bikaba vyatumye guhera kuri uno wa kane amashirahamwe yo guhamagarana mu Burundi aca aduza ibiciro mbere akaba yagiriyeko akuraho uturusho twose yahora iha abanywanyi bayo aha twovuga nk’ivyo bita Yaga muri Econet, Twiyagire muri Smart, Leo liberté mw’ishirahamwe Leo, ivyo bita ama flotte n’ibindi. Abanyagihugu batari bake bakaba bavyiyamirije kuko ku bwabo iryo tagisi rije guhuhura n’ivyahuha, mu gihe kandi bugarijwe n’ubukene.
Floxella Karire
Messages
9 Nzero 2015, 15:36, par uhuru africa
abarundi ntamaterefone tumenyereye gukoresha kiretse ko kari agahararo gusa, hazohombacane amashirahamwe adandaza uwo muyaga kuko ntawuzozoza kugura ama unite umwana araye ubusa, nayo kumasharahamwe andandaza si uko leta igize uko ko muca mutangariza abantu ngo kubera quoi quoi turahagaritse uburusho. Ubwo burusho buhari kugira mugurishe caaane mubukuye nuko mwemeye kutagurisha. Nti mutujane muri leta ahubwo menya uko mu gerant vos clients selon la situation du moment nayo gutangaza nka birya kuma radiyo ni uguteranya abanyagihugu na leta vous incitez les gens a la revolte
9 Nzero 2015, 15:56, par @#
ivyo nibito nibindi biracarinyuma nimurindire .ino reta ico igamije kiriho burakeye muje mwumva ngo yatsinze ama tora.mbega kwidufata nkaba keha bwenge ninde azoyitora yirirwa iratuniga muragabe tuyikureko abashingantahe ni benshi bokuturongora .ingeze ahantu
9 Nzero 2015, 19:57
EMWE AYA MA TAXE BOYITONDERA KUKO UMENGO BONONEYE HANINI AYO MASHIRAHAMWE.TUZOHEBA GUFONA AHO BAZOBONERA BAZOBISUBIZA UKO VYAHORA.
10 Nzero 2015, 07:45, par Espoire
icombona,leta isa niyahevye twebwe abenegihugu batobato nahora ngura 600 ngaca nsaba leo liberte ngaheza ngafona hirya nohino ndondeza aho noca ikiraka gutyo irasiyo y’abana ikaboneka ariko ubu birahagaze.murimake leta yirarijwe ishinga n’amafaranga gusa nayo imibereho myiza yacu waapii kweri.mu kirundi ngo:<<itama ritafuna ritaguha rirakoma induru ntiwumva>>,<umwungere mwiza yama na ntaryo yegeraniriza ubusho bwiwe ahari ubwatsi buremvye><ikibwirwa n’icumva icerekwa ni ikibona>