IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Atagikozwe mu myaka 10 ubukene buzozura inzara mu Burundi

PARCEM : Atagikozwe mu myaka 10 ubukene buzozura inzara mu Burundi

mardi 4 Munyonyo 2014

Uburundi bubandanya bugoyagoya muvy’ubutunzi mu gihe ibindi bihugu vyo munsi ya Sahara biriko bitera bija imbere cane. Uburundi bubandanije ku murindi buriko, mu mwaka w’2025 ubukene buzoba buzura inzara.

Ivyo bigaragara mu cegeranyo ca mbere c’ibanki nkuru y’isi yose ku vyerekeye ubutunzi bw’ Uburundi inyuma y’imyaka cumi buvuye mu ntambara, nk’uko Faustin Ndikumana yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 4 Munyonyo 2014.

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Muri ico cegeranyo, berekana ko mu Burundi umwimbu ku munyagihugu ungana n’amadorari amajana atatu gusa, n’iburiburi wari ukwiye gushika ku madorari 600. Mu bihugu bindi nk’Urwanda, mu mwaka w’2013 bwari bugeze ku madorari 700, Lesotho ku madorari 1193 kandi ico gihugu citwa ko gifise ingorane zimwe niz’Uburundi. Uburundi rero buracasarura umwimbu muke kuko ata gushaka kwa poritike kuboneka, intwaro ibereye itaratsimbatara. Uburundi ntibutuma abanyamitahe babuhurumbira, kandi ntibushora hanze cane.

Faustin Ndikumana yagiriza abategetsi b’Uburundi ahubwo kuba batiyumvamwo na vya bitabo birimwo ya migambi yo kurwanya ubukene CSLP2 na Vision 2025 . Mw’ishirahamwe PARCEM basaba abategetsi kubikurikirana.
Muri PARCEM bavuga kandi ko Uburundi butogira icitwazo na kimwe kuko n’ivyo bihugu vyateye imbere ahanini bifise ingorane zimwe kandi si n’uko bifise amasoko ntanganguvu nk’uko abenshi bavyiyumvira. Mw’ishirahamwe PARCEM bakabona ko n’Uburundi butari bukwiye gusigara inyuma mw’iterambere.


Floxella Karire

Messages

  • Guterimbere nkigihugu cuburundi birikure nkumuzinga bivanye nuko umunyagihugu mwakino gihe atitaweho mukumworohereza murudandazwa agakora kumugaragaro ivyabaye kubadandaza batoyi bibikwembe nibindinindi birya ntibishobora gutumaigihugu cisununura birabaje cane gufatigwa ibidadazwa vyawe nkaho umenga nivyibano

  • J’apprecie ces idees, observations et conseils, mais a quoi servent-ils sans leur application? Je reve d’une jour ou ces donneurs de lecons se feront elire pour mettre en pratiques ces lecons, ainsi le pays changera. Sinon, en semant le vent, nous recolterons toujours la tempete. Salut Mr. Faustin!

  • @Jean
    On aurait aimé que ces gens aux bonnes idées dirigent le pays. Mais la question est: qui votera pour eux? C´est ce peuple burundais des collines lointaines? Non Jean. Ces burundais ne votent pas le programme, ne votent pas les bonnes idées... et c´est ça le problème. Les burundais ont les dirigeants qu´ils méritent et ce n´est pas demain la veille. Mais esperons qu´un jour Nkurunziza quitte car c´est lui le premier frein au développement du Pays.

  • Mbe Parcem wew nkumurundi akunda uburundi ufise ushirahamwryinijiza amahera mugihugu cnke riyunjiza mumufuko wawe?niwivugire kubera uri kukazi kawe nyene nayimigambi abarundi turazinanye!kazima ayuyumunsi yinjiye!ivyo leta ikora sibike kandi ntawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi.nukomwaronse aho muvugira!nimugiramahoro murarwanyaubutegets buhari!yamara urucira mukaso rugatwara nyoko!kandi aha hozuwundi mwokwicuza!ndavuga simvura.

  • None uyumugabo nukugumagogotagusa yiyinjiriza igiceri yimirira mazeyamaraguhimba agasimbirahariya akavigango myimyimyi! Koranyabuna icotezimbe igihugu werekane icusumbije abandi nayokuguma uturondererako akazi kugira uronke icowimirira bihagariketwipfirenabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.